IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi 91 birukanwe mu Rwanda

Abarundi 91 birukanwe mu Rwanda

vendredi 9 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi bamenyesha ko abo birukanwe ari Abarundi bari bagiye kurondera ubuzi mu Rwanda. Inyuma y’ukubabaza imyidondoro yabo, abana hamwe n’abagore baciye barungikwa mu mihana yabo, ariko abagera kuri 16 bagizwe n’urwaruka bakaba bashizwe ukwabo kugira bakorwek amatohoza.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bavuga ko abandi barundi barenga amajana abiri aribo baheruka gushika muri iyo ntara ya Kirundo mu kwezi kwa kane.

Abo barundi bavuga ko birukanwe mu Rwanda, bakaba bagizwe n’imisore yahora ikora uburimyi n’ubworozi, hamwe n’ubundi buzi buto buto aho mu gihugu c’Urwanda, . Bamenyesha ko birukanwe batategujwe, bamwe muribo bakaba bataronse n’umwanya w’ukwishuza ugufaranga bari baheraniwe. Bose bavuga ko batabwiwe impamvu z’iyo ngingo y’ukubirukana ku butaka bw’Urwanda.

Ubuyobozi bw’intara ya Kirundo bumenyesha ko bwakiriye abo barundi bagizwe ahanini n’abavuka mu Kirundo, ariko hakaba harimwo n’abo mu ntara za Kayanza, Ngozi na Muyinga.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.