IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bagiye kubandanya gutubika uwa vubi mu mwaka wa 2018

Abarundi bagiye kubandanya gutubika uwa vubi mu mwaka wa 2018

mercredi 13 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Integuro y’iryo tegeko ivuga ko amafaranga agiye gukoreshwa na Reta y’Uburundi mu mwaka wa 2018 azokwiyongerako amafaranga agera ku mamiriyaridi 71.3 y’amarundi, ni ukuvuga ko azokwiyongerako ku rugero rwa 6,2%.

Umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO yemeza ko naho ubwo buryo bwiyongereye buguma ari buke, aho akaba ari mu gihe hari hakenewe kwongegwako amafaranga agera ku mamiriyaridi 518 y’amarundi kugirango ikigega ca Reta kimere neza. Amafaranga Reta igiye gukoresha mu mwaka wa 2018 agera ku mamiriyaridi 1 338,1 y’amarundi.

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umushikiranganji w’ikigega ca Reta yashikirije ibisata nyamukuru bizoronswa uburyo gusumvya ibindi, ivyo navyo ni nk’igisata co kwivuna abansi n’umutekano, igisata c’indero, ic’amagara y’abantu, ibisata bigize itunga ry’igihugu nk’uburimyi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, ugutwara abantu n’ibintu, hamwe n’ibindi bisata bigize iterambere ry’igihugu.

JPEG - 91.8 ko
Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Kubw’umushingamateka Rwasa Agathon, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, amakenga ni yose kw’itegeko rigenga amatora, aho akaba ari inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati aheruka gushiraho itegeko risaba abarundi guterera amatora, kandi mu nteguro y’itegeko rigenga amafaranga azokora mu mwaka uza wa 2018, amafaranga azokoreshwa mu matora yarategekanijwe ku rugero rw’amamiriyaridi 14,5 y’amarundi.

Kuri ico kibazo, umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo yishuye ko amafaranga Reta yategekanirije amatora mu mwaka uza wa 2018 ari make cane ku yasabwa kugira amatora azogende neza muri 2020. Arongera agashikiriza ko ibihanze abarundi bikwiye gutunganywa n’abarundi nyene ubwabo, kanatsinda ak’imuhana kaza imvura ihise, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta.

Iyo nteguro y’itegeko rigenga amatora ryemejwe 100% n’abashingamateka, ni ukuvuga 103 bari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hamwe na 8 bari batumye.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.