IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bashaka guhunguka bava muri Tanzaniya bagiye gutahukanwa (...)

Abarundi bashaka guhunguka bava muri Tanzaniya bagiye gutahukanwa vuba

vendredi 25 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu rugendo yagize kuri uwu wa kane mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, Mwigulu Nchemba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, aherekejwe n’izindi ntumwa z’iyo Reta, yasavye Abarundi bari muri iyo kambi y’impunzi ko botaha kwubaka igihugu cabo.

Uwo mushikiranganji avuga ko Reta ya Tanzaniya itazokwihanganira abantu canke amashirahamwe yigenga bariko babera intambamyi abakeneye gutaha ku bushake bwabo.

Uwo mushikiranganji yemereye abamaze kwiyandisha hamwe n’ababandanya kwiyandikisha, ko ibikenewe vyose biriko birakorwa kugira imbere y’ukwo uku kwezi kw’umunani guhera, Abarundi ba mbere bazobe batahukanwe.

Uwo mushikiranganji yabwiye izo mpunzi z’Abarundi ko mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagiranye na mugenzi we wa Tanzaniya John Pombe MAGUFULI, uwutwara Uburundi yamenyesheje ko amahoro n’umutekano bikwiye kugira abahunze batahuke.

Abarundi barenga ibihumbi 15 bo mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta muri Tanzaniya nibo bamaze kwiyandikisha ko bashaka gutahuka ku bushake bwabo, Reta y’Uburundi nayo ikamenyesha ko ibandanya imyiteguro y’ukwakira abo bantu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • NABANDI BAZOHUNGA NTAMUPEREZIDA AKUNDA ABANYAGIHU ARABONEKA NIBAZE BAZE BARADUFUNGIRA HAMWE UWUSHWANYE NUMUGORE BACA APFUNGWA BIGORANYE UKAZANA UWUNDI HOHO NIMUGASHO IGIHUGU NICA BAKENYEZI ABAGABO BAMWE TURAGOWE

  • nibatahuke uburundi n’ubwabo bareke kuguma bitwa impunzi.Abanyeshule baze bige mugihugu cabibarutse nanyaburya ubu hatanguye programme nshasha y’ishule shingiro badahungutse wumva bazoshobora kwiga iyo programme?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.