IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Poritike > Abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa (...)

Abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro

Thursday 17 May 2018

Kuva isaha icumi n’imwe n’igice z’igitondo, uruja n’uruza mu mabarabara rwari rutanguye kwumvikana, ahanini bakaba bari abanyagihugu bari bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu bibanza batoreramwo, abenshi bagize ikibazo co gusanga batonze aho badatorera, kuko hari ibibanza vyo gutoreramwo birenga 10, aho naho nko kw’ishuri ryo muri zone ya Kamenge aho bita Ku Bafaransa, abenshi bisanga batonze aho batategerezwa gutonda.

Bamwe mubo twavuganye, bamenyesheje ko bari bazi ko baza gutorera aho biyandikishirije, ariko bahashitse baca basanga siho batorera, ari naco gituma bazimiye.

Ayo matora yatanguye igihe c’isaha icumi na zibiri z’igitondo, arangira isaha icumi z’umuhingamo nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI.

Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ikinyamakuru Iwacu, amenyesha ko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA isaha icumi na zibiri n’iminota 45 yari ahejeje gutora.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.