Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Abarundi imiriyoni 4 bari mu bukene bw’infungurwa’’-OLUCOME - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Abarundi imiriyoni 4 bari mu bukene bw’infungurwa’’-OLUCOME

’’Abarundi imiriyoni 4 bari mu bukene bw’infungurwa’’-OLUCOME

samedi 9 décembre 2017

Mu gihe kw’igenekerezo rya rya 9 kigarama buri mwaka hama hahimbazwa umunsi mukuru wahariwe kurwanya igiturire kw’isi, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko mu gihe mu gihugu haba hakiri abayobozi barya igiturire, kikaba kititayeho imigambi ijanye no guteza imbere intwaro ibereye, iterambere rirama,amahoro hamwe n’umutekano kuri bose,ico gihugu kitigera gitera imbere.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, ishirahamwe OLUCOME rimenyeshako bitwararitse cane ingaruka zabaye k’ubutunzi no ku mibano vyatumye n’indyane za poritike zo mu mwaka wa 2015 .

Muri OLUCOME bamenyesha ko mu gihe Reta ,ibisata vy’abigenga,amashirahamwe adaharanira inyungu za Reta ,ibimenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu b’ibindi bihugu bose bakorera hamwe kugira bagwanye igiturire bituma ibihugu vy’abo bitera imbere.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME

Kubwa OLUCOME ,igihugu c’uburundi kibandanya kija mu bukene n’inzara kuko abanyamitahe b’abanyamahanga benshi bavuye mu gihugu bituma Reta yikora ku mafaranga avuye mu banyagihugu kandi barangwa n’ubukene budasanzwe.

Iryo shirahamwe rivuga ko uburyo bwo gukura amafaranga mu banyagihugu bakenye mu kuduza ikori n’amatagasi hamwe n’izindi ntererano zidakwirikije amategeko bituma abanyagihugu basanzwe bari mu bukene bamererwa nabi gusumba.

Mu burorero OLUCOME itanga , ivuga ko ifaranga ry’Uburundi ryataye agaciro ku rugero rwo hejuru ugereranije no mu mwaka wa 2015 bituma ibintu nkenerwa mu gihugu bizanwa ari bike aho bakavuga nk’imiti,igitoro hamwe n’ibindi nkenerwa.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME riheraheza risaba abanyagihugu gutahura ko igiturire kiri mu vya mbere bisambura imibereho y’imiryango.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.