Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco (...)
PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko
Friday 26 October 2018, by
Mu kiganiro umukuru wa PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Gitugutu umwaka wa 2018,Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibibazo vy’ubutunzi,imibano hamwe n’ivya poritike igihugu gifise ubu bidashobora gutorerwa umuti mu mezi 18 asigaye kugira amatora abe.
Faustin NDIKUMANA avuga ko inzego zotorwa mu matora ya 2020 arizo zonyene zofasha gukuraho ivyo bibazo vyo mu gihugu.
Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko niyo habura inzego mu mwaka wa 2020 zishobora gutorera ibibazo igihugu kirimwo igihugu hamwe n’abanyagihugu bazoba bahuye n’ivyago bikomeye.
Faustin NDIKUMANA atera akamo abo vyega bose kwikubita agashi kugira inzego zizotorwa zizoshobore gutorera umuti ibibazo biriho.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
28 October 2018, 07:21, by BOBAR
RETA YARIKIYE KWEMERA KUJA MUBIGANIRO IVYO KUGANIRA NTIBIBUZE
8 November 2018, 20:07, by Bufu
None uyomuporisi yakozivy ahoazosubira?emwe isiyahez