IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira Uburundi biyamirije ivyo bise akarenganyo gakorwa mw’itorwa (...)

Abaserukira Uburundi biyamirije ivyo bise akarenganyo gakorwa mw’itorwa n’umukuru wa EALA

mardi 19 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abategerezwa gutora uwutwara iyo nama nshingamateka ni abashingamateka 54 baserukira ibihugu bitandatu biri muri uwo muryango. Impari nizo zibonekeje, abashingamateka baserukira Uburundi, inyuma y’ukurahira, bakaba banse kuja muri ayo matora, kuko bavuga ko amategeko y’ugukurakuranwa muri ubwo burongozi atubahirizwa, ayo nayo akaba avuga ko ibihugu bikurakuranwa muri ubwo burongozi hisunzwe indome z’amazina y’ibihugu.

Abahiganirwa ico kibanza ni abatanzwe n’ibihugu bitatu, arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya. N’aho abashingamateka b’Uburundi bavuga ko hari agahaze, kuko igihugu kiramukiwe muri ubwo burongozi arico conyene cari gikwiye gutanga uwitoza.

Ibikorwa vy’ugutora umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) bikaba vyaciye bishirwa kuri uwu wa kabiri.

Ibihugu bitatu arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya nivyo bihiganirwa ico kibanza c’ukuyobora inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko. Uburundi buserukiwe na Leontine NZEYIMANA yigeze kuba ari umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, ubu akaba ari umushingamateka wa EALA. Ahiganwa n’abandi babiri baserukira Urwanda na Tanzaniya, abo nabo ni umushingamateka Martin Ngoga w’Urwanda, hamwe n’umushingamateka Adam Kimbisa wa Tanzania.

JPEG - 69 ko
Abashingamateka icenda baserukira Uburundi muri EALA

Mu gihe umushingamateka Leontine NZEYIMANA aserukira Uburundi yotorerwa kuyobora EALA, ryoba ribaye irya mbere irongowe n’Umurundi, aho mukamenye ko n’Urwanda rutarayobora iyo nama nshingamateka kuva umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubayeho mu mwaka w’2007.

Ikiringo ca mbere c’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) catanguye kuva mu 2001 gushika 2006 kirongowe na Abdulrahman Kinana wa Tanzaniya. Ikiringo ca kabiri catanguye kuva mu 2007 gushika mu 2012) kiyobowe na Abdirahim Abdi wa Kenya. Ica gatatu catanguye kuva mu 2012 gushika mu 2017) kirongowe na Daniel Fred Kidega wa Uganda, ari nawe ahava akorerwa mu ngata, inyuma y’amatora aba kuri uwu wa mbere.

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yategerezwa kuba yatanguye ibikorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017. Amezi hafi umunani akaba ariyo yari aheze abo bashingamateka bataratangura ibikorwa, bitewe n’igihugu ca Kenya kitari bwatore abagiserukira.

Abashingamateka baserukira ibihugu biri muri iyo nama nshingamateka barahira icese kuri uwu wa mbere, akaba ari naho baca batangura ku mugaragaro amabanga bashinzwe.

Mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Uburundi buserukirwa n’abashingamateka icenda. Muri abo, batanu bakomoka mu mugambwe CNDD FDD, babiri bo mu runani rw’Abigenga MIZERO Y’ABARUNDI, umwe wo mu mugambwe UPRONA, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’Abatwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.