IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’itegeko ry’ukuva muri CPI yemejwe n’abashingamateka

Integuro y’itegeko ry’ukuva muri CPI yemejwe n’abashingamateka

mercredi 12 Gitugutu 2016, par Jean De Dieu

Abashingamateka 94 b’Uburundi bemeje integuro y’itegeko ry’ukuva muri CPI, 2 muribo nibo bataritoye , 14 nibo batagize ico barivugako, Abashingamateka 110 nibo bari bitabiriye ico gikorwa

Mwomenya ko muri abo 14 batagize ico barivugako , umushingamateka Rwasa Agathon ari muribo.

Abashingamateka benshi bafashe ijambo, bamenyesheje ko Uburundi bwari bwaratevye kwikura muri iyo sentare, bakayagiriza ko ikreshwa n’ibihugu rutura mu gukandamiza abategetsi b’ibihugu vya Afrika, hamwe n’ukwaka ubwigenge ivyo bihugu.

Fatou Bensouda, umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaheruka kumenyesha mu kwezi kwa gatanu ko atewe umwitwarariko n’ubugizi bwa nabi buri mu Burundi bushobora kwiyongera, kandi ko umurwi wiwe uriko ukirikirana ibiba n’aboba bariko barabikora.

Inama nshingamateka yize iyo nteguro y’itegeko kuri uwu wa gatatu, itegeko ryarungitswe na Reta y’Uburundi, risaba ko igihugu c’Uburundi cokwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ico kiganiro kidasanzwe cabereye mu nama nshingamateka y’Uburundi gitangura igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu.

Abashingamateka ijana na cumi nibo bitavye ivyo bikorwa, nayo umushikiranganji w’ubutungane, Laurentine KANYANA akaba ariwe yagiye gusigura igituma Uburundi bwafashe ingingo y’ukwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Gitugutu 2016, Reta y’Uburundi yemeje ingingo yo kwikura mu masezerano yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Igihugu c’Uburundi cateye umukono kuri ayo masezerano y’ukuja muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2003.


IGIHE

Messages

  • REKA TWIVIREMWO NAKARE IYO SENTARE YANKA ABAHUTU. RWASA NAWE KUBONA ATACO YABIVUZEKO YANSE KWEREKANA AHO AHAGAZE KANDI NTAWOKIMUHORA KUKO NUBURENGANZIRA BWIWE.

  • Aba si Abashingamateka n’inkomamashi,genda DD wazanye akabi kabishe,puuuuuu

  • turabashimiye kubwiryo tegekomwatoye ryokuvamuri c p i kubwubuhinga mufise% twagombatubasabe mudutorere niryokuva kuriyisi hagati yababazungu baduhanze (ariko ntimwibagireko nuwendeye inabukwe mukuzimu yafaswe 2 uwubundabunda abonwa nuwuhagaze)

  • Nibayivemwo Kweri Baribaratevye Kuko Twaritwaramaze Kuyihinyura Ivyayo Namanyanga Gusa

  • Icamunara canke vente aux encheres c’igihugu citwa u Burundi, Abacuruzi n’abanyamitahe muratumiwe kugura igihugu citwa u Burundi,uzotsindira ico gihugu agasabwa kuzoha umunani buri murundi wese, uwishuwe akazoca araba iyo aja, soit Rwanda,RDC,Tanzanie

  • nivyivyiza kuriheba kuko ntakamaro ryari ridufitye ahubwo ndabashimiye

  • Kuba Vyaciye Muburyo Mukabigenz Nkuko Turabishima Naho Hari Intumva Zitavyumv Kuko Ari Gucisha Ukuri Ahabona.

  • Kuba Vyaciye Muburyo Mukabigenz Nkuko Turabishima Naho Hari Intumva Zitavyumv Kuko Ari Gucisha Ukuri Ahabona.

  • Rwasa Kubona Ataco Yabivuzeko.Yabonyeko Harimwo Akanenge Numugabo Wijunja Nijambo!!!!

  • Rwasa Kubona Ataco Yabivuzeko.Yabonyeko Harimwo Akanenge Numugabo Wijunja Nijambo!!!!

  • Rwasa Kubona Ataco Yabivuzeko.Yabonyeko Harimwo Akanenge Numugabo Wijunja Nijambo!!!!

  • basha muvamwo mubesha hariho abazokwirikiranwa tu amaraso yabana babarundi mwanyoye en tout cas musigna musubira hariho uwuzobibazwa ntimushire agati muryinyo ivyari magera vyarageruye !!!!!

  • Sha ret ihari biragoye kumenya kwarireta yiyuvira Canke rireta yibigugu pe

  • Uburundi buzoteba buba Israeli y’Imana. Jewe mbona Imana yo mw’ijuru isigaye idukoresha ibintu bidasanzwe. Munyereke igihugu co mur’Afrika cari bwubahuke ingingo nk’iyo! Turabakeje mur’intwari.

  • @Vivi, icambere mbega uraziko Rwasa ivyoyakoze nabandi kobabifitiye uburenganzira? Icakabiri,none warizi ko Rwasa haraho ahuriye naba Domitien, Ntibantunganya, naba Buyoya?
    Igihugu cu Burundi kiremera ko umuntu wese afata ibintu ukwavyiyumvamwo.
    Ariko kikazirana nuwutoye ikirwanishogusa.

  • Nukuri Ivyobintu Birampimbaye Kubona Twikuye Akagaye Nkako.Ahubwo Abarundi Nitwiruhutse Dusubize Umutima Munda Kuko Iyo Sentare Niyo Ishigikira Abicanyi Ikabasasira Indava Nabo Mukwica Inzego Zitorewe Nabanyagihugu Bakigera Hejuru.Sagamba Burundi Uri Igihugu Gifise Abategetsi B’ijunja N’ijambo.

  • reka tuyivemo jewe ndabiryohererewe kuko iyo cpi yakandamiza aba nyafirika.kuberiki bataritwarira obama we yishe abantu benshi kw’isi yeshe kadaffi na Sadam nibabambure bamushengeze...

  • turakeje reta yacu kuriyo ngingo yo kuva muriyo sentare kuko reta yaratabaje ntiyumvirwa mugusohora imitahe yabakoze ubwicanyi yabagize kudeta ntaco iyosentare yakoze ngishaka gufata abirwa batanga ubuzima bwabo bakingira imiriyoni 1O zabarundi ngo nibo bakora ngamakosa iyo sentare ikaba iriko ikorana namashirahamwe ya onu asigaye avugi binyoma atabajije impande zose ivyo nti tuzovyemera bashaka ngo kuheza munyoro ab dd bose bavuye mwishamba ngo bimike abo bashaka abarundi nti tuvyemera

  • Komera.Igihugu sicana kandi igihugu sabana

  • Reta urakoooooozeee kubone uvuye muri CPI.
    Uburero abajejwe kiryahisata ca ONU babuze ayobacira nayobamira, barikobaribaza icatumye baryabantubigenga batumye gutohoza ivyabereye muburundi bakabazanira ibitarivyo bikabatera kubateranya na reta yuburundi icobobagira.
    Ukwobiriko birabonekana barikobarashaka kubatumizako ngobababaze icabatumye kuzana ibintu bitarimwo abashatse gutembagaza reta, ngobakazana ibintu bitarimwo abahamagariye abantukuja mwibarabara bakononavyishi harimwo nokwica abantu kuburyobutandukanye noguturira abantu babona, cokimwe nabivuhiye ko aribo batera amagrenade Bujumbura nibindi.
    Gusa ngwabaserukira uryamuryi wa ONU bagomba kwihutisha kwegera reta yu Burundi kugira ivuge ivyobofashanya bigatuma ivakucemezo yafashe.
    Kandi kiryagisata CA ONU ciketsekociketseko harihonibindibihugu bigomba kukivamwo vyiganjemwo ibihuguvyishi vyomuri Africa harihonamakuru avugako Africa yose igomba kukivamwo, ngomaze babanze bumvikane ukocokora bitabayivyo Afrca ngwiravamwo yose.

  • Mbe uko kuntu batoye ba manitse intoki ubona hari umushingamateka wu mu dd yarikubahuka gutora oya ntibace ba mugira nka hafusamosi yagiye murwanda akarira impunzi Ayo ba mukoreye nti mwayabonye reka babigire babiragizwa baraziko murizo nkozi zikibi nyene aribo baza kumwanya w’ambere mukumara abantu ntankeka rero ko iyo sentare aribo izohera ko kuvamwo ntaco bimaze kuko ntibihanagura abantu mwakagandaguye nubwo sentare mpuza ma kungu itobakurikirana murahejeje kwugurura inzira y’ukwihorana kuko abo mwiciye nabo sabana kandi mumenye ko bitazijana

  • Mugabo icombonye hano mu Burundi, ibigugu vyararwiriye! kwemeza kobikuye mu CPI basinyiye gukora ihonyabwoko atacamira. Abarundi dukwiye kuhabera magabo ,ubu abarundi tugiye kwicwa atacamira, noneho namwe murabibona uburyo imbonerakure ziriko ziritegura bihagije, muburyo bwokwigishwa kwica mwibuke mu rwanda Prezida Havyarimana mugihe yariko arategura ihonyabwoko yafashe imisore yose ayigisha kwica nokubahereza ibirwanisho,ivyakurikiye mwarabibonye .Tunasaba abarundi bumutima batarahuma kotwohaguruka twese tukiyamiriza abobamenja, tunasaba amakungu bafate ingingo zikomeye zokudukingira. Sindavyumva ingene ibi Nkurunziza ariko yigira, hamwe nubu busimbirahamwe bwiwe, burya yo bahambaye gusumba Sadamu, Canke Osama ?.saba abasazwe bashika kure bahaguruke basabe amakungu ahaguruke akoreshe inguvu Muburundi haboneke amahoro, nkaba mperaheje ntanga umudari wibimaramare kubasazwe bitwa kwarabashikiranganji, bahano Muburundi, hamwe na bashingamateka,ninkenguza mateka, uwo mudari wibimaramare bawusabikanye.

  • ABO 14 ATACO BARIVUZEKO BARAGABA,NKURUNZIZA NABANYAMITWE BAGIYE KUBANYWAMARASO BIDATEVYE NKUKO BANYOYE AYA HAFSA MOSI NA ADOLF.CANECANE RWASA ARABA MASO.

  • ABO 14 ATACO BARIVUZEKO BARAGABA,NKURUNZIZA NABANYAMITWE BAGIYE KUBANYWAMARASO BIDATEVYE NKUKO BANYOYE AYA HAFSA MOSI NA ADOLF.CANECANE RWASA ARABA MASO.

  • ABO 14 ATACO BARIVUZEKO BARAGABA,NKURUNZIZA NABANYAMITWE BAGIYE KUBANYWAMARASO BIDATEVYE NKUKO BANYOYE AYA HAFSA MOSI NA ADOLF.CANECANE RWASA ARABA MASO.

  • Turakengurukiye imana mushobora byose yo yabonye ko bikwiy ko tuba mubugombe bwayo ikaduha abayoboz baciye ubwenge batubonera kure turakej indogozi zacu mubikorwa byiza badukorera iyi sentare niyabazungu babakoloni bafatanij na Ekleziya gatolika mukurwanya amaleta badashaka kuko nku burundi buyobow numupastori Nyakubahwa petero nkurunziza rero ntaho bazomenera abarundi turi maso.

  • turashimye cane iyongingo yokwikurako abobakoroni, uburero turikukiye bikwiye, abahora bica abanyagihugu bitwaje ngo bazitwara muri cpi birarangiye.ntanumwe akidyogora.intambara ntibashoboye gusaba ikigongwe ntibikunda kubera amadeni yabazungu bariye ngo bazobaha imari batsinze, barayinze ntibagira ayobacira nayobamira kuviyongingo isohotse murakoze IMANA IZIGAME ABATEGETSI BACU BOSE BASHIKARE KWEREKANA KO AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE .

  • Egoko nuku inteko yuburundi isa! Wagirango ni salle yogukoreramo marriage

  • Mbega salle mbi yinteko

  • Komera Nico Twabatorey

  • Ndiko ndaba abashigikiye iyi nging ya Rwasa nibamwe batamwerekwa akiri kurugamba none ubu bamujanye mumizero n’ijambo bararimwatse bamwigisha n’ukuryiyaka, ngo yabuze aho ahagarara, igihambaye itegeko ryarenganye, Imana ishimwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.