IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka basabwe kutazokwemeza integuro y’amafaranga y’ugukoresha (...)

Abashingamateka basabwe kutazokwemeza integuro y’amafaranga y’ugukoresha indege y’umukuru w’igihugu

mercredi 15 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko inyuma y’igurwa ry’iyo ndege, Uburundi buriko buhomba kabiri, kuko iyo ndege yaguzwe itariko irakoreshwa, mu kuba itaguruka naho, ivyuma vyayo bikaba biriko birononekara. Gabriel RUFYIRi avuga ko bitumvikana ingene hotegekanwa amafaranga y’ugusuzuma (Entretien) indege idakora.

Muri OLUCOME ntitwumva ingene bategekanya amafaranga ku mwaka ku mwaka kugira bashobore gutunganya indege ubwa mbere itabaho. Iyo ndege naho yaguzwe ntigenda. Abantu bari muri Reta bakoresha uburyo bwose kugira batware amafaranga y’abanyagihugu. Birababaje. Abantu badutwara barakwiye kumenya ko ugukingira uburundi n’abarundi, hamwe n’amatunga y’igihugu arivyo bari bajejwe.

JPEG - 46.9 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Umukuru wa OLUCOME amenyesha ko mu mafaranga Reta ikoresha ku mwaka ku mwaka, mu kigega ca Reta bategekanya amafaranga arenga imiriyoni 125 y’ugutunganya iyo ndege ikwije umwaka iri i Bujumbura, Gabriel RUFYIRI agashikiriza ko bitumvikana ingene inama nshikiranganji yosaba ko hategurwa ayandi mafaranga yiyongera kuri ayo.

Gabriel RUFYIRI asaba abashingamateka kutazokwemeza iyo nteguro y’itegeko izorungikirwa n’inama nshikiranganji.

"Namba vy’ukuri abashingamateka batari mu kwaha kw’umugambwe canke mu kwaha kw’umuntu, nibifate mu jisho ivyo bintu bavyanke, bavuge ko ari ubusuma. Nayo ahandi n’ukuri barapfukamye igihugu mu nda."

Inama nshikiranganji yemeje urwandiko ruvuga ibijanye n’ikoreshwa ry’indege ijejwe kurerura umukuru w’igihugu c’Uburundi. Iyo ndege ikwije umwaka iri i Bujumbura, ariko ikaba idakoreshwa.

Abashikiranganji bemeje ko hoshirwaho amafaranga y’ugukoresha iyo ndege (Entretien) kugira igume imeze neza.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi yaronse iyo ndege yashitse i Bujumbura kuwa 14 Kigarama 2016. Kuva ico gihe iyo ndege yagumye aho i Bujumbura idakoreshwa, bigasabwa ko ikorerwa (Entretien) nk’uko bisanzwe no ku zindi ndege kandi bigatwara uburyo butari buke, nk’uko vyemezwa n’inama nshikiranganji y’Uburundi.

Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyo bikorwa bitegererezwa kubera hanze y’Uburundi kubera mu Burundi ata bahunga n’ubuhinga bikwiye bihari.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.