IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza bane biyemeje gukorana n’umurwi w’amatohoza washizweho na (...)

Abashingwamanza bane biyemeje gukorana n’umurwi w’amatohoza washizweho na ONU

vendredi 9 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abashingwamanza bane harimwo abarundi babiri, biyemeje kuzokorana n’umurwi w’amatohoza uheruka gushirwaho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ukore amatohoza ku mabi hamwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015.

Abo bashingwamanza bashaka gufasha muri ayo matohoza ni Bernard Maingain, Armel Niyongere, Lambert Nigarura, hamwe na Alain Detheux. Bamenyesha ko biteguriye gutanga ivyemezo hamwe n’imyidondoro y’abagirizwa ubugizi bwa nabi bwakozwe, bongere bafashe n’imiryango y’ababuze izokenera kwitura ubutungane mpuzamakungu.

Nk’uko abo bashingwamanza babishikirije, ico imiryango yabuze abantu ikeneye n’uko ubutungane bwigenga bwokora.

Reta y’Uburundi iheruka kumenyesha ko itazokwemera gukorana n’ukwakira umurwi w’abahinga ba ONU bagiye kurungikwa mu Burundi gukora amatohoza ku bugizi bwa nabi bwakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

  • Abobo Birazwi Ivyabo. Nka Menge Yabeshe Ngo Ikaruzi Abaporisi Ngo Bariko Bagandagura Abantu, Aho Yakuye Rirya Rementanya Siho Yobandaniriza? Eka N’abo Bandi Ivyabo Birazwi Cane.

  • Rengutsa abo bicanyi bari barigize sura ivu,Groupe ya mbere izorengutswa muri Court Penale Internationale i la Haye ni: Bunyoni,les deux Nyamitwe na Pascal Nyabenda

  • iyo mijeri irasubiye kuvuga nirementanaya ryayo nibateshwe bate twarabahinyuye abobo bakoranye kera mukuremekaniza abi abarundi hamwe nareta yacu rero nimba bazokorera mububurigi ino ivyayo twarabibonye nibateshwe bate iyo mijeri

  • iyo mijeri irasubiye kuvuga nirementanaya ryayo nibateshwe bate twarabahinyuye abobo bakoranye kera mukuremekaniza abi abarundi hamwe nareta yacu rero nimba bazokorera mububurigi ino ivyayo twarabibonye nibateshwe bate iyo mijeri

  • Aho rero bakanuye amaso ngo hazoba amatohoza, nibateshwe bate!!! biracabagoye.
    Bazoca Uburundi atakiri imbuga.

  • nibaronderer ahandi nayo kwizuzamaso vyovyo muburundi NON!nibateshw bat

  • Wofyura Amaso Nivyo Mwakoze Mumwaka Uheze Ngo Ugomba Kuba Mumatohoza !

  • Wofyura Amaso Nivyo Mwakoze Mumwaka Uheze Ngo Ugomba Kuba Mumatohoza !

  • Bahaze inyama uko nukuhenda abanyagihugu ngo bazababuranira muma sentare mpuzamakungu babayorere amahera

  • Ibi vyose Ububiligi bubiri inyuma nibwo bufashe mumugongo abagize imigumuko na coup d’Etat kanatsinda nibo babatumye, bafise ababiligi natwe dufise igihugu kandi turasobanukiwe iyo twakigobotoye.

  • IYO MUVUZE AMABI KUKI MUYAHERAHEJURU KUKI MUDAHEHERA AHAYO MABI YATANGURIYE? KUVA 72 GUSHIKA NAHO HAGANDAGUGWA INCHUNGU YA DEMOKARASI YATOWE IZUBA RYAKA BAKAMUHORA KUKO ARI MUHUTU.AMATOHOZA YOSE MUKORA MUBANZE MUDUTOHOREZE A BATANGUYE IZO NGORANE NAYO AHANDIHOHO NTITUBATAHURA MUGIYE MUVYA PORITIKE.NDADAYE YAZIZE IKIII????ABO BIGIRANGOBAGIRA BATANGURE AMATOHOZA BATAGURE KDUTOHOREZA NDADAYE ICO YAZIZE.!!?.

  • Gerageza ariko muraza mwite guy kuko nimwacunga nabi nti muzosubira iyo mwaje muva

  • Nanje Ndashimy Uwomugambi,ariko Twaridukwiye Kwibagir Akahise Igikuru Twogiriran Imbabazi Niko Bible Ivuga,guko Nahuwomugwi Wokora Akaguma Karacabandanya Kukotwese Tugomba Kudya.Bararab Abobarundi Batowe Bahagarare Magabo Murayomatohoza Baharanire Kazoza K’igihugu N’abene Gihugu.

  • ahubwo mwaratevye bigaragaze ivyo bijuju bizi kwica gusa murambabarira kare sinahorantukana ariko iyo nibutse abo bashirira kwihangana birananira

  • NIBBNDE BICANYI ATARIMWE MUCHAKA GUINGERO MUCHAKA UDUKOROKA NINDE YACRARITSE NUKO MWICIGIHUGU UMUTI WANYU URIKUZIKO ABANYAGIHUGU TURABONA

  • NTIMWITAGANIKE GUKORA IVYO MUTAZI UBONAKO NBONA MUKIRI NABANA KUMAFOTO MUHERE72 KUDUGA MUZEMWIHE BURYA TUNUMYE TUBONA

  • mbe ayo matohoza azoba agamije iki?mbe kuva 72 oyo mwakoze arihe?vyababuriye:murakena mwigume

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.