Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingwamanza baburanira ababuze ababo mu 2015 barashigikiye ivyasabwe na (...)
Abashingwamanza baburanira ababuze ababo mu 2015 barashigikiye ivyasabwe na ONU
vendredi 8 Nyakanga 2017, par
Urwo runani rumenyesha ko abantu bashika ku 500 batanze ivyemeza ku mabi yakozwe vyerekana ko ihohoterwa ryakozwe ku bantu ryateguwe muri ico kiringo.
Uwo murwi w’abashingwamanza ubandanya uvuga ko iruhande y’ibirego 800 wakiriye, ko hari n’ibindi birego 600 uheruka kwakira imbere y’inama yabaye ku wa 5 Nyakanga uwu mwaka. Bashikiriza ko ivyo birego bazoca babishikiraza izindi nzego z’ubutungane mu kwubahiriza no kudashira ahabona isoko ry’ahavuye ibirego, nk’uko amategeko abitegekanya.
- Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza
Abo bashingwamanza bavuga kandi ko bazobandanya ibikorwa vyabo bijanye no guharanira ubutungane, kugira amahoro aboneke mu Burundi, mu ntumbero yo kugwanaya ayandi mabi yoshobora gukorwa nk’ayibonekeje muri uwo mwaka.
Abo bashingwamana baburanira abanyagihugu bakozweko n’ubwicanyi bwo mu mwaka wa 2015 bamenyesha ko bazobandanya urugamba biyemeje, mu gushira imbere itegeko ribuza kwica n’ugusinzikaza ubuzima bw’umuntu, ari naco gituma basaba ko abagirwa n’icaha icarico cose ko borengutswa intahe ikabakubita mu gahanga.
Vianney BIKORIMANA
Messages
9 Nyakanga 2017, 01:10, par ntawukenashaka Davidi
Natwe nkabanyagihugu turashigikiye ivyashikirijwe na ONU turavyemera nivyukuri kudaseswa.