IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare b’Abarundi bari biteguriye kuja muri AMISOM barindirijwe

Abasirikare b’Abarundi bari biteguriye kuja muri AMISOM barindirijwe

jeudi 20 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryafashe ingingo y’ukuba rirabangira kwakira abasirikare b’Abarundi barenga 1400 bari biteguriye kurungikwa muri Somaliya mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro. Abo basirikare botanguye kugenda muri Somaliya kuva mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo, ariko bakaba bagiye kurindira gushika mu kiringo kitaramenyekana, n’ico iyo ngingo yavuyeko kikaba kitamenyeshejwe.

Iyo ngingo yafatiwe Abasirikare b’Aburundi mu gihe abasirikare ba Ouganda, Kenya, hamwe na Djibouti bagiye kurungikwa gusubirira bagenzi babo bari muri Somaliya ukuri kwamye, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, aho batanze ikirangaminsi c’isubirizwa ry’abasirikare b’ibindi bihugu bahejeje umwanya bari kumara muri Somaliya, ariko ku Barundi ico kirangaminsi kikaba ataco kivuga, bataillon ya 40 n’iya 41 zikaba arizo zari ziteguriye kuja muri ico gihugu kugarukana amahoro.

Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika akaba amenyesha ko haheruka n’ugufatwa ingingo y’uko amafaranga y’imishahara y’abasirikare b’Abarundi atazosubira gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Aho tukabamenyesha ko igice kinini c’imishahara y’abasirikare bari muri AMISOM gitangwa n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, uwo nawo ukaba udafitaniye imigenderanire myiza na Reta y’Uburundi, mbere n’ibihano iyo Reta yari yarafatiwe, ikaba iheruka kumenyeshwa ko ibigumijweko.


IGIHE

Messages

  • ca c,est bon ca bari barabateje abantu babo baraheze ngo bagiy gutabara abandi banyagukizwa..abandi nabo la majolite nabicanyi ba Nkuru abashimira iyo bameshe goseee Twarabarahiye ica ntimuzomara abana b,Imana yaremye na Batutsi bari barasaze ubu baraturuye hama namwe mukabandanya muduta mu Rusizi mudukerera imitwe .....Muragahura na Shetanyi ba DD MWESEEEEE

  • komera ahubwo nibabameshe ko atawuzo subirayo kuko nakuntu bonanirwa kugarukana umutekano iwabo hama bakaja kuyagarukana iwabo.

  • Murabesha ntituzorehura tuzohangana mpaka kugeza Yezu agarutse kuko ivyonibitocane.
    Nongeye kubabwirako twebwe abarundi ntangorane hagatiyacu ingorane iri muribamwe mubazungu canecane bi Bulaya turaje dukoreshe akakanya twahawe tubahashe maze ijohazoza muzoheza muzoze murubaha Africa.

  • nohiyo iburundi akazikariho nibarindire.. ahubwo nyakubahwa nabongere imishahara nayo akaziko yaragatanze ereganomuburundi murakeneye amahoro

  • nabobariye kuburamusuke murundinta kuntu iwabobirigwabaricabangazahamangobagiyemumigambiyamahoro

  • Na bado! Abo basirakare nyene ba Nkurunziza nibo bazomwimesera kubwo kubimisha umukate no kubakura amata mu kanwa! Aragabe rero! Akaze umutekano wiwe

  • Ashandumva bitagiyekworoha

  • Kudashiramukigegacaretaimishaharayabobasirikare,nivyiza,kukonibobarikuyakorera,nibabashirirehoamakonue,kukobariguze,abanyamahanga,kandintategetsinumweyokwitanga,akajaguhangana,na,areshabab

  • Ahubwo nibagire vuba babirukane Bose iyo bava bakagera kuko ntivyumvika ingene ubumwe bw’afirika na ONU bo guma bakoresha abasirikare bu Burundi muribenivyo bikorwa mugihe niwabo vya bananiye gucungera umutekano w’abanyagihugu ahubwo bamwe muribo aribo birirwa bakoreshwa n’ubutegetsi mukubagandagura bitwaje ko bazoca babashimira mukubarungika murivyo bikorwa igihe amakungu yo bandanya iyo ngendo vyoba bibonetse ko ariko araha impigi abobicanyi kubandanya batikiza inganda kanatsinda n’imishara yabo ntibakiyironka ahubwo isigaye ija guhemba inkora maraso Ari naco gituma ibihano iyo reta y’icaduka yafatiwe ataco bimara kubera ko amahera yose yohemvye abo basirikare aja mumifuko yako karwi gafukamye munda igihugu n’abeneco ikindi ntakamaro kuko abasirikare bu Burundi mwikigihe boja murubwo butumwa mugihe akokarwi ka bicanyi kirirwa kishongora mukuvuga ko atabihugu vy’ikukike bijamwo inteko mvamakungu urumvako ivyo udashaka ko bakugirira ntakamaro ko kubigirira abandi kanatsinda imbere abarundi twese twari tunejerejwe nico gikorwa kuko vyatera iteka igihugu cacu mugabo ubu ntabwo aruko nimubacure batahe kuko basigaye bateyisoni ejo jewe nariboneye abobasirikare mbere biyita Ngo nibakuru bakuru batwaye umusore yitwa Olivier kandi ntawuzi iyo bamujanye kuko abobafashe Bose ntibaguraka ahubwo batorwa ibiziga none w’umva baraja mubutumwa bw’amahoro Ngo bifashiki mbere mwari mukwiye kurungika inteko mumaguru Masha ngaha iwacu zoza kubambura ibirwanisho kuko ntibakiri abasirikare ahubwo nimirise

  • Ariko mumbonera nkabo basoda 1400 bota ishavu kuri nde?ariko ukenyere uje guhembwa amamiliyoni n’umuntu wama uriko uratuka buri musi wihaya ngo urikwije none ndabira,na francophonie yahagaritse ama bourses yaha a barundi,ni bindi biri munyuma ejo buca banka kubagurira ako kawa kanyu muce mukinywera murabe ko abanyagihugu batarara bakarandaguye

  • Uwo ni buyoya hamwe nabandi baguma batoba basabira ibihano uburundi.

  • eka ntaco ndamuhora vrement niyibereho,uti comera.ariko abantu bamwe bamwe bari bakwiye kuza tukubaka igihugu cacu ha kugisabira ibihano,none rya honyabwoko baririmba ko ritaraba,abarundi ubu twaraciye ubwenge,washaka izomfashanyo data ziva iburaya na america nibazigumye turabe ko igihugu cacu kitabandanya kibaho neza.

  • Nibabahagarike burundu batahe kumavukiro, baje gukingira benewabo bariko baragandagurwa bunyamaswa na Nkurunziza petero. Nayo ayomahera kuhagarika kuyarenza mukigega careta, bavyibutse bateba cane, nubwo biruko reka dushime , kuko muyarasazwa yongezinguvu nkurunziza nakakarwi nkinkorabara kiwe. Ingingo nkizo turazishigikira, nimukomere kurugamba rundasazwe rwokurwanya abansi bamahoro, nizindi ngingo zikomeye nizifatwe bizotunera gusumba.

  • ariko namwe mutanzwa gose, ubundi se woja kugarukana amahoro muri Somaliya nawe nta mahoro usize mu gihugu ukaba wategerezwaho uwuhe musaruro?

  • ahohose nukurunda impamvu mugani natwe turakanuye

  • none ntibotureka tukaja ku manifestant ko batagomba ko tuja kwironderera amahera muri somalie ikibarigwa nicumva icerekwa nikibona hiiiiiiiii

  • izongingo za fashwe ntizigiyekworohereza abasirikare ahubwo nukomworaba ikintugituma izongingo zifatwa mukamukuraho kubera agumyeho nabarundi ntizokoroherezwasawa

  • Ariko abazungu haraho hasigaye nabobahendwa nabany’Amerika ukamengo ntibagira ubwenge!.
    Ehendabereke abobazungu bagije inama natwaturundi twita utumujeri noneho bafatanya gukubita kudeta irabananira!
    Uburero twaturundi twita utumujeri twagiye tubwira babazungu dukorana ngo kugerubu guhangana nabasondabaraho biburundi ntivyoroshe atahubwo nimuze Nkurunziza tumuteze baryabasondanyene mukubahagarika kujagufasha hiryanohino kw’Isi ngivyasebikunze bazoca bamuhinduka bazoce badufasha kumukuraho.
    Umva ndababwire murihendacane kuko ntamuntu yeneyegupfa arwanirira igihuguciwe azonanirwa kwihanganira ivyo.
    Ikindi mbemwarimuziko haribihugu vyashatse ko abasirikare bosebuburundi reta yobakura iyobagiye mubutumwa maze bikiyemeza kubahemba bariburundi hanyuma reta ati reka tureke kubakurayo vyobonekanabi ariko icibizezako abobanyaburaya bonyene bazobirukanisha maze tuzoce tuba nkigikere bahaye igihano cokugita mumazi.
    Umvarero ahubwo nibabirukane bose bisubirire Burundi .

  • NIBOHEREZEYO ABANYAMERIKA CYANGWA ABABIRIGI. ABAZUNGU BARWAYE MUMUTWE.

  • Ivyo siko vyari kugenda kandi akamaro hari habamariye igihugu nticari bwaka bagirire kk batarajayo turazi ingene bari babayeho.vyiza diplomacie yokora.

  • Zamuvuga Ivyo Muzi Abobasoda 1400 Bari Hehe Mubafisehe Kwatabo Tubona Kumudubugu Bamureka Kwitwenga Mbega Mission Zohanze Zitaraza Abasoda Ntibari Babayeho Murihenda Noneho Vugamake Ivyo Mwiyunvira Sikobiri Imana Niyonkuru

  • YITWA NKURUNZIZA ARIKO JEWE SIKO MBIBONA NI NKURUMBI KUKO ABABRUNDI BAGIYE KWANGARA KUBERA UMUNOHO WIWE. NONE KO WASHATSE IKIRINGO WUNGUTSIKI AHO WIRIGWA UNYEGEYE UDASOHOKA IGIHUGU KUBERA UBWOBA NIBISONISONI NIHO BIKUNEZERA UBUHOO UGIYE GUHINYUKA. HINGE ABO BASIRIKARE BOSE BABASUBIZE INYUMA HAMA BABURE AMAMHERA YABO BACE KWISHA AMAMNYAMA AGUHEREKO.

  • Ntangorne Tuzosangira Bike Dufise Tukirindiriy Vyinshï Ko Biboneka Kandi Atari Kera Kuko Biriho Kandi Turabibona Nibitahir Kuko Barko Bakora Ivyiza Bamwe Bakashhima Andi Bakagaya Ariko Abasomalians Bobo Bazorira Can Abarundi Batash

  • NIBIHANGANE BATUNGWE NIMISHAHARA BAHEBWA NONE ABARIMU BOBO BATAJAYO NTIBABAHO?

  • Wewe watutse izina ryumuhisi GAHUTU ukaryiyita umvandakubwire:
    Nkurunziza ndabona Imana ikimubungabunze kuva atsinze amatora arikowewe uvuze ngontacoyungutse kubera mwamuteje barutuku,
    Ahorero ndumva ko kuriwewe na RWAGASORE koyaharaniye intahe yokwikukira kwu Burundi hanyuma barutuku bafatikanije nabarundi bameze nkawe bakacabamugatura mumesimake wewe ndumva wovugango RWAGASORE ngoyungutsiki cokimwe na NDADAYE yabaye incungu ya Democratie!?.
    Yemwe imvugozanyu zirerekanako mudashobora guhangana na politique yabagize reta yuburundi uyumusi ndabarahiye.

  • Arikon’amwe.ntimurabona abarimu n’abo Ko bagezweho ! Muribagiye ko nyen icubahiro aheruka kubongera umushahara! Ahubwo mumfashe tumukomera amashi dusabe Imana imuzigame imuhe kugumana umutima w’ikigongwe mazette asubir yongereko utundi dukeyi.Ingorane n’uko harimwo bamwe bamwe baguma bashaka kuvyonga akarere!

  • Reka Imana Yikorere Imana Iduhe Amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.