IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatubahiriza amatara agenga uruja n’uruza bagiye gutangura gutangishwa (...)

Abatubahiriza amatara agenga uruja n’uruza bagiye gutangura gutangishwa amande

vendredi 27 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’isekeza ryo kwigisha abagendesha ivyuma vyo kwiyunguruza, abaserukira abandi mu gisagara ca Bujumbura, uwutwara igisata kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara amenyesha ko uwuzofatwa atubahirije amatara agenga uruja n’uruza mu mabarabara.

Igisata kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara catanguje kuri uwu wa kane isekeza ryo kwigisha abagendesha ivyuma vyo kwiyunguruza, hamwe n’abaserukira abandi mu gisagara ca Bujumbura ukugene amatara agenga uruja n’uruza mu mabarabara akora, n’ingene akwiye kwubahirizwa.

Uwutwara ico igiporisi kijejwe uruja n’uruza, Longin BANKIBIGWIRA ahimiriza abagendesha ivyuma vyo kwiyunguruza hamwe n’abiyunguruza n’amaguru, kwubahiriza ayo matara mu ntumbero yo gukinga impanuka no gutunganya neza ibisikanya ry’ivyuma n’abantu mu mabarabara. Arongera akamenyesha ko abatazokwubahiriza ukwo ayo matara akora bazohanwa n’amategeko, mugutanga amande agera ku bihumbi mirongo itanu.

Kubwa Déo ARAKAZA asanzwe ari umunyamabanga w’ishirahamwe ry’abunguruza abantu bakoresheje imiduga yo mu bwoko bwa Coaster, akenshi abaporisi barabangamira bamwe mu bakora umwuga wo kwunguruza abantu, agasaba ko ibihano vyofatigwa bose ku rugero rungana.

«Ntivyari bikwiye ko haba akamwana wa mama mu gufatigwa ibihano. Abaporisi baraduhohotera gose gusumba abandi bagendesha imiduga yabo »

Uwutwara igiporisi kijejwe uruja n’uruza arongera akamenyesha ko hari abarekurirwa kurenga ku mategeko agenga ayo matara, agatanga akarorero k’imiduga ya rusehabaniha, imiduga ijejwe kuzimya imiriro yiyadukije, hamwe n’imiduga igendanira umukuru w’igihugu.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Akamaramaza les Policiers Burundais je barantwenza gose umuntu muzima arashobora kuja mu nama akicara imbere yambaye ama trainingi?none iyo agiye muri sport yambara iki?wosanga mama yiyambarira ikoti na cravate,genda DD wazanye akabi kabishe

  • Muri 2017 niho les feux tricolores zitanguye gukoreshwa no kwigishwa Abanya Bujumbura?ibi ni akamaramaza,hhhahha hama ngo DD ngo murikwije?ngaha hirya i Kigali ziriyo guhera 1990 ubu hoho ziriko na ma cameras de surveillances,genda DD wishe abantu udasize n’igihugu

  • Mbega mwomenyera hariya i Makama haheruka kwicigwa umuntu abandi bagakomeretswa n’imodoka iteruye abategetsi hari ku matara canke?

  • Ni vyiza ko arya matara ahari kandi ni iterambere rikomeye. Ariko ndasaba kuruhande rw’igipolisi babanze barabe hakosorwe ico niyumvirako ari amakosa ari ku bibanza bimwe bimwe vy’arya matara.Nk’akarorero hari aho usanga uwugenda n’amaguru arekuriwe kurengana mugabo ugasanga n’imodoka ziva mu rundi ruhande zirarekuriwe kurengana (cane cane iyo ari amabarabara ane ahura).Hari n’ahandi usanga utubarabara dusohoka duca imbere y’ayo matara (ex uva finance nsasha,uva nka bcb kinindo,aha kuri cafe gourmand,...hari n’anandi nk’uwuvuye ville aja buyenzi biragorana ko yinjira,... Ikindi harakwiye ko inyigisho zocishwa kumaradiyo muri bimwe vyitwa publireportage hama hakaba n’umwanya muto nko mugitondo bikavurwa kumashure yaba mato canke ayisumbuye.

  • None ijy’Accident ya Bunyoni aho yasasika inganda k’umurango riva nayo yatewe n’amatara yo mw’ibarabara?

  • Banze musukure ico gisagara mwa ba DD mwe. Ehe raba iryo yarara kuri iyo photo. Ibibanza publiques salles vyerekana esprit yanyu.

  • Kutamenya gutambuka ahari amatara atukura, y’umuhondo canke y’icatsi sivyo bizomara Abarundi. Ivy’arivyo vyose abazohasinzikarira ntibazongana n’abatorwa ibiziga mu nzuzi iyo banyurujwe na ya miduga ifise ibiyo vyirabura.
    Mwoba murata umwanya ngo muriko mwigisha abantu. Nta kamaro na kamwe bifise mu gihugu abantu benshiiii batazi gusoma.

  • Ndasavye bakosoore rirya kosa rituma abanyamaguru n’imodoka baronkera Feu vert icarimwe. Turi mu burundi murazi ko la priorité ifise imiduga. Uw’imodoka ahuriye n’uwamaguru murirya mirongo yera yo hasi azoca amufyatura kubera Erreur de programmation y’arya matara.

    SVP, SVP !!! Kosora ningoga ico kintu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.