IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abiyunguruza n’abatwara imodoka basaba ibanki nkuru y’igihugu gusohora (...)

Abiyunguruza n’abatwara imodoka basaba ibanki nkuru y’igihugu gusohora ibingorongoro bikwiye

jeudi 25 janvier 2018

Abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko ingorane zo gusubizwa, zatanguye inyuma y’iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro n’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka amasoko ntanganguvu, , aho vyavuye ku mafaranga 350 y’amarundikija ku mafaranga 380 y’amarundi.

Abo biyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje imodoka nini bavuga ko kuriha amafaranga arenga 380 mu kwiyunguruza, bisaba ko mu mafaranga basubizwa hajamwo amafaranga 20, vyama vyabateye ikibazo n’ababarihisha mu miduga.

CIZA Spes aba muri zone ya Kamenge mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, avuga ko bimaze kumushikira aho atumvikanye n’uwurihisha mu modoka yunguruza abantu, amusavye ko mu mafaranga yamusubiza yongerako amafaranga 20 yari abuze.

« Navuye mu Kamenge ngiye mu gisagara kurondera ubuzima, atanguye kuturihisha ndamuha amajana atanu, yategerezwa kunsubiza amafaranga 120 nabonye ampa amafaranga 100 gusa, ndamubajije amafaranga 20 aho ari yambwiye ko nawe ataho ayakura, ariko ko iyaba vyakunda atari kuyanyima. »

CIZA Spes akavuga ko amafaranga 20 naho ariko arakoreshwa mu kwiyunguruza mu gisagara , bitaratomoka neza ivyayo, kuko hari bamwe ubona bayahawe, abandi nabo ukabona ntayo babahaye, bigatuma haba ukwibaza ibibazo.

Ku ruhande rw’abagendesha imodoka zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko bobo bafise igikorwa co kwubahiriza amategeko y’igihugu, ariko gusa bagashikiriza amakenga afatiye ko, iyo bagiye kurondera ibingorongoro vya 10 babironka ariko bizimvye, kuko iyo batanze amafaranga 1000 babaha amajana umunani gusa.

« Twebwe duhamagarirwa gutunganiriza abagendera mu modoka zacu. Ntaco vyotumarira gutwara amafaranga 20, ariko kubera natwe atari twebwe, nta kundi twogira, abo twunguruza bakwiye kudutahura, iyo abonetse turayabaha, atabonetse naho bokwihangana. »

Naho biri ukwo, Pascal NDIKUMANA akorera mu gisagara hagati ca Bujumbura, avuga ko, batwaye amafaranga 20 uko afashe urugendo, mu kiringo c’indwi aba yegereje gukwiza ayandi yo kuriha ku rugendo rumwe.

Asaba ko uko basabwa kwihangana mu gihe habuze amafaranga yo kubasubiza, nabo uwobura amafaranga akaba afise ayahora arihishwa amafaranga 350, bomureka akiyunguruza, ariko ntibice biba akamenyero.

Baba abiyunguruza canke abatwara imodoka zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, basaba Ibanki Nkuru y’igihugu gusohora ibingorongoro vy’amafaranga 10 ku rugero rukwiye, kugira yaba uwiyunguruza n’abunguruza abantu, ntihagire uwurenganya uwundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.