Accueil > Amakuru > u Burundi > Abubatse hafi y’ahariko hashirwa ingoro y’umukuru w’igihugu batanguye (...)
Abubatse hafi y’ahariko hashirwa ingoro y’umukuru w’igihugu batanguye kwimuka
samedi 8 Ndamukiza 2017, par
Abantu baba hafi y’ahariko hubakwa ingoro y’umukuru w’igihugu c’Uburundi batanguye kwimuka nk’uko babisabwe. Abategetswe kwimuka ni abari mu kibanza ca hegitari 40 uvuye ahari iyo ngoro y’umukuru w’igihugu iriko yubakwa muri zone Gasenyi, komine Mutimbuzi, mu gisagara ca Bujumbura.
Itegeko ry’umushikiranganji w’ibidukikije ryavuga ko abo bantu bafise ikiringo co gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Ndamukiza igihe c’isaha cumi n’imwe. Bamwe muri abo bari baguze ibibanza bubatsemwo muri ako karere bakaba batanguye kwimuka mu gihe hari abandi bo muribo bavuga ko batabona aho baja, kuko batarahabwa umuzibukiro.
Abandi bavuga ko naho bazohabwa uwo muzibukiro ataco uzobamarira kuko amafaranga bazohabwa ataho ahuriye n’ayo bakoresheje mu kugura hamwe n’ukwubaka amazu babamwo.
Abaporisi benshi kuri uwu wa gatanu bari muri ico kibanza, basaba abo banyagihugu kwihutira kuva muri ico kibanza.
Itegeko ry’ubushikiranganji bw’ibidukikije rivuga ko abatazova muri ico kibanza ku neza, bazohakurwa ku nguvu.
IGIHE
Messages
8 Ndamukiza 2017, 07:59, par Regagatuza bakamene
Ariko rimwe na rimwe abaturage harubwo twishyira mu byago !!! Niba ari ubujiji niba arikihe kibazo kibitera? Ibaze kubwirwa kwimura ibyawe ahagiye kubakwa ingoro ya president ukavuga ngo nti wahava?????!!!!! Hhhhhhhhhhhhhhh ubwo utahavuye waba uri igiki koko? Ubwo abiyanze baraje barye amasasu abandi bigaramire HARI UMUGANI UGIRA UTI:: IBYAGO BIGWIRA ABAGABO ABAGORE BIGARAMIYE amahoro kubanyarwanda mwese namwe abarundi mwese
8 Ndamukiza 2017, 08:01, par Regagatuza bakamene
Ariko rimwe na rimwe abaturage harubwo twishyira mu byago !!! Niba ari ubujiji niba arikihe kibazo kibitera? Ibaze kubwirwa kwimura ibyawe ahagiye kubakwa ingoro ya president ukavuga ngo nti wahava?????!!!!! Hhhhhhhhhhhhhhh ubwo utahavuye waba uri igiki koko? Ubwo abiyanze baraje barye amasasu abandi bigaramire HARI UMUGANI UGIRA UTI:: IBYAGO BIGWIRA ABAGABO ABAGORE BIGARAMIYE amahoro kubanyarwanda mwese namwe abarundi mwese
8 Ndamukiza 2017, 13:52, par kigingi
ariko abarundi bagira code mumitwe yabo ntibazi ico president dela Republique bivuze. guturana nawe bishobora kugukirurira Ibyago bagusabye kwimuka kuneza uragenda sha muge muva mumikino nkiyabana. muzaze murebe aho HE Paul Kagame aba uko hameze abandi bose barimutse kuneza yabo. ahubwo niyo misozi yaho hejuru yose hazajyaho ama posotions akomeye yigisoda n’igipolice uriya muhanda umanuka uzajya uhora ucungerewe cyane kugeza Yesu agarutse uko abapresidents banyu bazajya basimburana. (umwana utumva yariye inyoni itaribwa)
8 Ndamukiza 2017, 14:21, par Kajislave
ni hatari ,nne mwogira gute,ayo mugowe mwe bene amatongo simwe gusa ,hari abarundi barenga abo tugowe ugutandukanye ,ntakund twogira ,mugabo turafis icizero ko vuba tuzotabarwa nugushaka kwacu tubifashijwemw N,IMANA ,ihangane muzorenganurwa
8 Ndamukiza 2017, 14:30, par Mordecai
Barundi benewacu nimutekere utwanyu mukize igara mubise abo bacangero itongo ntirihera Imana izoribasubiza
8 Ndamukiza 2017, 15:09, par Bosco
yoo reta ntirabe ahantu boba kuko nabonyen baba hafi yingor6 yumukuru wigihug bidakunda
8 Ndamukiza 2017, 16:27, par Diego Irankunda
Nibakumbure Bikebuke!!
8 Ndamukiza 2017, 20:08, par JOHN BAYUBAHE
NIBABONGERE IKINDI KIRINGO
8 Ndamukiza 2017, 20:49, par Tobias
Nibabitondeshe Kuko Kwimuka Biragoye
8 Ndamukiza 2017, 20:50, par Nzeyimana John
Kwimuka sibibi, ariko abategetsi babijwe gutanga imizibukiro nivyiza kuvyifatamwo urupfasoni! ati gute? guharura kumuntu arumuntu, noguharura ivyuyo muntu yakoreye ahohantu igarama bifise bijanye nigihe tugezemwo kuko ibintu vyose vyaramaze kuduga amabeyi vyose. nogutanga uwomuzibukiro hakirikare kugira uwomuntu yitegurire ahashobora gushikiza umuryango wiwe, kuvuga yuko rero umuntu ushobora kumwirukana kunguvu, utaramuha nivyoshobora kumufasha aho yobayimukiye, ndavyita nkukutiyubaha kwabategetsi bikigihe. Umutegetsi mwiza nuwigikibazo cuwarongoye, akagirako nukugitorera inyishi bitagoranye uwo niwe mutegetsi wukuri.