Accueil > Amakuru > u Burundi > Abunguruza abantu ku makinga basaba umuco ku mafaranga batozwa
Abunguruza abantu ku makinga basaba umuco ku mafaranga batozwa
mercredi 22 Ntwarante 2017
Abagendesha amakinga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura basaba ko igikorwa co gutoza amafaranga gikorwa n’abarongoye amashirahamwe yabo cokorwa mu muco, amafaranga batozwa agafasha igihugu.
Abagendesha amakinga bavuga ko impuzu bambara bariko bakora akazi kabo hamwe n’inomero z’ikinga ariyo ntandaro yo kurihishwa amafaranga ,kandi batabona neza nimba ayo mafaranga aja mu kigega canke aja mu mifuko y’abarongozi b’amashirahamwe.
Abo bunguruza abantu ku makinga bavuga ko amafaranga 2000 batozwa batabona ico ashingiyeko, kuko yaba imparati y’inimero y’ikinga canke agahuzu bambara bari mu kazi kabo vyose vyahagaritswe vy’infatakibanza n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu.
Abo bunguruza abantu ku makinga bavuga ko badatahura ingene iyo batanze amafaranga ibisabwa babironka, abarongoye amashirahamwe yabo babanje kwinyegeza.
IGIHE
Messages
24 Ntwarante 2017, 17:23, par Bahati J Marie.
natwe ivyobintuvyomahera ntitubo icakora ahubwonubusuma.
26 Ntwarante 2017, 08:34, par Muhayimana Aron
Ayo Mahera Batanga Ajahe? Reta Yuburundi Nize Iraraba Neza Abo Bantu Bikika Mukiza Nyimba Ari Ikori Rije Murireta Hama Badukorere Amabarabara None Reta Niyirangagiza Icokibazo Amabarabara Asanurwa Niki Samakori ?