Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Iterambere rya Afrika y’ubuseruko ni uruhara rw’umwe wese" - Isabelle (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Iterambere rya Afrika y’ubuseruko ni uruhara rw’umwe wese" - Isabelle (...)

"Iterambere rya Afrika y’ubuseruko ni uruhara rw’umwe wese" - Isabelle NDAHAYO

jeudi 30 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo nama yatunganijwe mu gihe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 Munyonyo 2017 ari umunsi wahariwe umuryango uhurikiyemwo ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko. Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko amenyesha ko uwo munsi utanga akanya ko guhanahana amakuru y’uwo muryango, akaba n’akaryo ku babijejwe, k’ukarabira hamwe n’ukwiyumvira icokorwa kugira uwo muryango urushirizeho gutera imbere.

"Ibihugu bigize uwo muryango vyariyemeje guteza imbere ibisata vy’imibano mu gukomeza impinyanyuro mu bisata vy’indero, guteza imbere ibigo vy’akarorero, gukomeza inzego zijanye n’ubushakashatsi, amagara y’abantu hamwe n’ugukinga ingwara."

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO avuga ko kworohereza imibereho y’abantu, guteza imbere ibisata bijejwe amagara y’abantu, indero, hamwe n’uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere, arizo nzira nziza zafashwe nk’ihangiro ku rwego rw’igihugu mu guteza imbere ibisata vy’uburimyi, amahinguriro hamwe n’urudandazwa.

Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko buvuga ko itunganywa ry’iyo nama y’uguhanahana amakuru ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu gisata c’imibano, ari mu ntumbero y’ugushira mu ngiro urutonde rw’ibikorwa vyategekanijwe n’ubwo bushikiranganji.

Muri iyo nama, abatumiwe ni abaserukira abanyagihugu mu nzego zitandukanye, zaba iza Reta canke amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, hamwe n’abikorera ivyabo.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’Uburuseruko agira ati : "Ntidushobora guteza imbere iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko hatabaye uruhara rw’umwe wese. Dufise uruhara rukomeye rudusaba kuguma twisuganya ku mwanya ku mwanya."

Uburundi bwinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2007. Icicaro c’uwo muryango urongowe ubu n’umurundi kiri i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya. Zimwe mu nkingi z’uwo muryango, ni isoko rusangi y’ibihugu bitandatu bigize uwo muryango, Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Uganda, Kenya, hamwe na Sudani y’epfo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.