IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Guillaume BUNYONI yanditse asaba ko Abaporisi b’Abarundi barungikwa (...)

Alain Guillaume BUNYONI yanditse asaba ko Abaporisi b’Abarundi barungikwa muri Somaliya

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete yandikiye mugenzi we Alain Aimé NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano w’Uburundi yamusavye ko yovugana n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, agasaba ko imirwi ibiri y’abaporisi b’Abarundi barimwo n’intwazangabo 60 borungikwa mu bikorwa vya AMISOM vy’ukugarukana amahoro muri Somaliya.

Nk’uko biri muri iryo kete, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ivyo vyokorwa mu ntumbero y’ugushira mu ngiro ivyasabwe mu ngingo y’2372 y’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko horungikwa muri Somaliya abaporisi bagera ku gihumbi kimwe na mirongo ine (1040).

JPEG - 27.8 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Muri abo baporisi 1040 bakenewe muri Somaliya, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko Uburundi bufise imirwi ibiri (Deux unités) yahawe inyigisho, ifise ibikoresho, kandi yiteguye ku rugero rusabwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko mu ntwazangabo z’abaporisi zikenewe aho muri Somaliya, Uburundi bufise izikwije ibisabwa n’amategeko, agasaba umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu kuvugana n’ubumwe bwa Afrika, kugira mu baporisi bazorungikwa muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya, Abarundi bazobe barimwo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ewe Bunyoni nawe!!!!!! ngo abapolisi bakwije ivyangombwa, ngo baje kugarukana amahoro hehe? muri somariya?, centrafrika, ? mbere yo kuzimya inzu y’umuturanyi, banza uzimye rwawe iriko irasha.ni babanze bagarukane amahoro mu Burundi.sivyo none?

  • Bunyoni rekera aho kwicisha abana b’u Burundi,Al Shabab ibonye abo yica,ngaha mu Burundi vyarabananiye kugarukana amahoro none ngo mugiye kuyagarukana muri Somalie?abakera barayamaze bati so akwanka akuraga iragi ryamunaniye

  • Uyo mugabo yarironkeye aho asoroma amadolari bitamugoye, none ngo akarwi kiwe kirirwa kariha inkumbi mu Burundi ngo ni kaje muri Somalia vyanse bikunze. Canke ashaka guhungishirizamwo abakoze ivyaha yabatumye buca batoragurwa ngo baje kwishura ivyo bakoze? Kuri iyi ndwi nyene akagwi kiwe kanyuruje umuntu izuba riva abantu barorera, baranabona ko umwe muri bane yambaye impuzu z’urwego atwara. Umuvugizi wiwe bamubajije yakaravye nka kumwe Pilato yakaraba imbere y’uko Umwana w’Imana agandagurwa. Muzombarize urwo rukundo akunda abanya Somalia kurusha bene Burundi.

  • Bu Oiseaux gwose arantwenza, umutekano wiwanyu urabananiye ngo ngo mugiye kuwushakira muriza za somaliya? mbese wowe wagiyeyo cg ukarungikayo bene wanyu, igisambo gusa urimwo kwishakira ikiraka ngo ukomeze uyore ama dolari, imiborogo ni yose kubera gucura inkumbi, ariko uzi ngo wowe uzatura nkumusoszi? iminsi yigisambo irabaze, usigaje izuba irii rimwe gusa ubundi nawe nkurumbi akakunywa nkuko yanyoye abandi. mxioummmm!

  • Bavandimwe barundi barundikazi, intambara ntiyigera ihira umuntu numwe none ndabasavye kandi n’Imana nivyuo ikunda mureke kwicana ubwa mbere, mureke kuvuga nabi, musenyere ku mugozi umwe, mubonye iwanyu hari amahoro, mubone gutabara abandi ariko muhereye iwanyu. ese muravuga ko mwoja mu bindi bihugu kugarukana amahoro kandi iwanyu bitaratungana ? nukuri mushire hamwe intambara ni mbi irasenya ntiyubaka irica ntikiza, mwikunde murangije mukunde abandi. Imana nibahezagire abarundi mwese nta numwe avuyemwo, mubeho mu mahoro kuko amahoro araryoha nukuri. Mugire amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.