IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amafaranga imiriyoni 375 yitirirwa ay’umutekano niyo amaze gutozwa

Amafaranga imiriyoni 375 yitirirwa ay’umutekano niyo amaze gutozwa

mercredi 7 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe OLUCOME riratewe amakenga n’urwaruka bivugwa ko ari Imbonerakure za CNDD FDD zihaye ububasha bw’ugutoza amafaranga yitirirwa ay’umutekano muma zone ya Buterere, Kinama, na Kamenge, muri komine ya Ntahangwa iri mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo iryo shirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) ryasohoye, bamenyesha ko abantu batanguye kwitura OLUCOME kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka 2016, bavuga ko bahabwa ibitansi biriko ikidodo ca komine Ntahangwa, ivyo bitansi bikababwiriza kuriha amafaranga amajana atanu ku kwezi ku bapangayi, nyene urugo nawe akariha amafaranga igihugu. Bose babwirwa ko ari amafaranga y’umutekano.

Muri OLUCOME bavuga ko amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni 375 ariyo amaze gutozwa n’urwo rwaruka kuva mu ntango z’uwu mwaka w’2016.

Nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe ryiyemeje kurwanya igiturire, ayo mafaranga yose atozwa ata tegeko na rimwe ryubahirijwe, ntaje mu kigega ca Reta, OLUCOME ikagiriza ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwoba buzi ivyo bikorwa, ariko bukabirabisha amaso.

Ubuyobozi bwa komine Ntahangwa bumenyesha ko butazi ivy’ayo mafaranga atozwa, kandi ko ata munyagihugu n’umwe yatumwe gutoza amafaranga y’ugucungera umutekano. N’aho biri uko, ibitansi bitangwa n’abatoza ayo mafaranga biriko ikidodo ca komine Ntahangwa.


IGIHE

Messages

  • Muri dd ivyo bavyita imigambi yokwiteza imbere. Igipolisi naco carahatoreye akunguko kk nabo bitwaza ko barondera abitwaje ibirwanisho. Mukurekura abo bafashe basaba 30mille ou 50mille kugira bakurekure. Utayafise uja soit muri documentation soit ukaja mubusho butazwi n’amategeko ico gihe bakuboreza igufa ugize Imana ntutabwe muri Ruvubu,Ruvyironza, Mubarazi etc....

  • ewe olucome uratewe amakenga nahera yatozwa yumutekano mbe koutatewe amakenga nabicanyi banyu birigwa baraturira abantu mubahamba mubinogo ngo mwanka gutsindwa mumatora.Sha twarabahinyu ubu kagame yagutumye wongereze ibigwanisho na magrenade kubicanyi banyu batsinzwe none ngo none ngowumva amakenga kuko umutekano wagarutse ko utaraterwa amakenga nu rwanda na belgique nubu france henda abandi aho mwabukanga abarundi barimunsi yurujo

  • olucome izodushikirize icegeranyo cayatoshwe kugira hategurwe imigumuko,nayatojewe yatanzwe naba rugereka,uburigi,urwanda,ubufaransa,amerika nahandi kugira baze baratega imitego indongozi mugisoda,civil canke abandi!hama azoce aza asigure ibi navyo!!naho boyatoza !!!mubonye vyabananiye guteza akajagari none muti reka tubatere ubwoba bareke gucungera umutekano!!ntantambwe kabisa!

  • Mbe ga Rucho,ariko nta n’isoni ubivugana,waragiye aho uranigagura abo mudasangiye ubwoko none ngo nibo bihamvye,umenyeko kurya wabishe ariko nawe utegerezwa kwicwa wa mwicanyi we

  • none uwavuga ivyamagrenade,nivyoguturirabantu abonabisa nivyo vyogutoza amahera kubanyagihugu?

  • jye.ndunva.arubusambo.ibintubakora.ubuyobozi.butabizi.sibyiza.nagato.

  • Hhaahh none ko mwaririmba ngo mufise u Burusiya na Chine none izo ntwererano DD irondera iziki??abayobozi bari mu marembera kandi baraba hafi niko bigenda,na bado

  • Nabado iracarintango, mwibaza izombonerakure zirirwa zirica abantu, nimbugita munyuma zikabatwara amagara yabo, hamwe nimitima, nindimi, mwibazako bahebwa ubusa. bashebuja bategerezwa kubahemba, kandi ayo kubahemba ategerezwa gukurwa mubanyagihugu. uwutayatanze nawe acayimba yigeraaaaaaa.

  • WERUYFIRI MENYIVYAWE REKA ABANYAGIHUBAKORI VYABO WEWE UVYEZE KWIKI SENIDD FDD UZOGUMA UWUBONA KANDI UZOKWAMAHO TURAKWIYAMYE UDUKURE KWINDURU

  • @Misago Michel,uri umu DD kweli na bategetsi baba DD mumeze kimwe,ntuzi gutandukanya Majiscule na Miniscule nta espace entre iryungane n’irindi,muteye agahinda

  • Ahubwo Abobatoza Ayo Mafranga Bidaciye Mumategeko Bakwiye Gufatwa Bagahanwa Kuk Izo Mbonerakure Ahoziri Hose Ntizigera Zorohereza Abenegihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.