Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora y’ugusubiriza NKOSAZANA Dlamini-Zuma : Abarundi batatu bahiganirwa (...)
Amatora y’ugusubiriza NKOSAZANA Dlamini-Zuma : Abarundi batatu bahiganirwa ibindi bibanza
samedi 28 Nzero 2017, par
Inama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika yitezwe gukuranira i Addis Abeba muri Ethiopia kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Nzero 2017. Mu bikorwa nyamukuru bizoshirwa imbere muri iyo nama, harimwo amatora y’umukuru w’ibiro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.
Uwuzotorwa akaba azosubirira Nkosazana Dlamini-Zuma wo muri Afrika y’epfo yari amaze imyaka ine arongoye uwo murwi. Uwuzotorwa nawe akazoba agize uwa gatatu arongoye uwo murwi.
Ayo matora azoba mu ndwi iza muri Ethiopia azoba ari ayagira kabiri, kubera muya mbere yabereye i Kigali mu Rwanda, abari bitoje bose ata n’umwe yashoboye gushikana bibiri vya bitatu (2/3) vy’amajwi asabwa kugira hemezwe uwutsinze.
Abariko barahiganwa ico gihe yari umukandida wo muri Botswana, uwo muri Guinée Equatoriale hamwe n’uwo muri Uganda.
Mu matora azoba mu ndwi iza nayo, abahiganirwa ico kibanza ni batanu bava mu bihugu vya Kenya, Botswana, Guinée Equatoriale, Sénégal hamwe Tchad. Uwuzotorwa nawe nyene azoba afise ikiringo c’imyaka ine, akazoba ajejwe gukomeza ubumwe bwa Afrika hamwe n’uguteza imbere Afrika.
Abarundi bazokwitoza mu bindi bibanza
Muri iyo nama, hazoba kandi amatora y’abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu biro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika. Igihugu c’Uburundi cararungitse amazina y’abantu batatu bazohiganwa n’abandi muri ayo matora. Abo nabo ni Ambassadeur Epiphanie NTAMWANA KABUSHEMEYE mu kibanza c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano, Docteur Sabina NTAKARUTIMANA mu murwi ujejwe ivy’imibano hamwe na Saidi KIBEYA mu murwi ujejwe gutunganya ivy’abakozi hamwe n’ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.
Muri iyo nama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yafashe kuri uwu wa gatanu urugendo rumushikana aho i Addis Abeba muri Ethiopia, ahazobera iyo nama.
IGIHE
Messages
28 Nzero 2017, 13:51, par Cyriaque
Nipfurije amahirwe yo gutorwa abarundi biwacu.
28 Nzero 2017, 17:56, par Kanyosha
Ndipfurije caaaane amahirwe abobarundi ubonako arinibihangange mubumenyi.
28 Nzero 2017, 18:32, par komera
kweli?bazodutora n iwacu vyatunaniye kabisa niman ikorivyoyo nenye
29 Nzero 2017, 01:49, par Matabaro
None azotinya kusohoka igihugu gushika ryari
Asha nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama
29 Nzero 2017, 06:33, par Karimumuryango Zacharie
Tubifurije Amahirwe
29 Nzero 2017, 11:27, par NKUNZIMANA Roger
KUBERA IKI NKURUNZIZA ATITAVYE IYONAMA
29 Nzero 2017, 11:28, par NKUNZIMANA Roger
KUBERA IKI NKURUNZIZA ATITAVYE IYONAMA
29 Nzero 2017, 18:25, par SUGURU SEBASTIEN
KO GASTON AGIYE MUNAMA ICO DAHA AGATORWA!
29 Nzero 2017, 21:48, par BF
Nkurunziza akuye ikirenge mu gihugu, gisigara mu mucanwa, none mushaka Uburundi buhinduke umunyota kweri? Ni Sebarundi, arazi ko icambere Uburundi bukeneye ari stability.
29 Nzero 2017, 23:43, par .
Hano ndabona hariho abantu beshi banyotewe kugira S.E. Nkurunziza nkuko bagize Habyarimana wu Rwanda na Ntaryamira wu Burundi!
Abantu baratitira bakirirwa barangamiye hejuru baharura indege ngo nkumbure iriya ndege yobirimwo Nkurunziza!
Bagasimba bakabaza hiryanohino ngo mutubonera Nkurunziza azofata ingendoryari nindege!? Yemwe abanyaburaya bafise uburozi bukaze mukubaroga ntibakaravye!
Ariko
Urwipfuriza mukaso rukagutwarana nyoko, kandi icutipfuza kokikubako ntukakipfurize uyundi.
30 Nzero 2017, 07:38, par Warumonge
Abarunditutwayemberekabisha Kubonabajaguhiganwa Tubifuze Incinzinziza
30 Nzero 2017, 20:45, par DUSABUMUKIZA Théophile
Nipfurije Amahirwe Abarundi Bene Wacu Bagiye Mumatora.Intsinzi Iri Iwacu Iburundi