Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amb. NASASAGARE:’’Abarwizatunga ntibotera imbere ata burongozi bwiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amb. NASASAGARE:’’Abarwizatunga ntibotera imbere ata burongozi bwiza (...)

Amb. NASASAGARE:’’Abarwizatunga ntibotera imbere ata burongozi bwiza buhari’’

lundi 10 Mukakaro 2017

Mw’ijambo ryo kwugurura uruganda Burundi-Business & Leadership summit rwatunganijwe n’ishirahamwe arongoye CJA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017,Ambassadeur Albert NASASAGARE yavuze ko abarongozi n’abarwizatunga ari magiriranire mu bikorwa vyabo vya buri munsi.

JPEG - 64.5 ko
Ambass.Albert NASASAGARE arongoye ishirahamwe CJA

Yavuze ati :«Abarongozi ntibashobora gukora neza ibikorwa vyabo badashigikiwe n’abarwizatunga, kandi n’abarwizatunga ntibotera imbere ata burongozi bwiza buhari.»

Ambassadeur Albert NASASAGARE yavuze ko muri iyo nama, abarwizatunga n’abarongozi bazokwicara hamwe kugira barabe uruhara rw’umwe wese, bihweze kandi ingene urwaruka rufise imigambi yo kwiteza imbere rwosanga rwarateguriwe ahantu heza rushikira.

Muri iryo jambo Ambassadeur Albert NASASAGARE yahamagariye urwaruka kwicara hamwe bakarondera imigambi yobafasha kwiteza imbere, ikabaha akazi ,igateza imbere igihugu n’imiryango, kandi bakunganira Reta mu bikorwa vy’iterambere.

Yarangije amenyesha ko ibihugu vyateye imbere nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bivuye ko hari urunganwe rwakuye amaso kri kubu, ruyashira muri kazoza.

Urwo ruganda rwatanguye kuri uno wa mbere ruriko rubera mu nyubakwa z’ihoteri Club du Lac Tanganyika, ruzomara iminsi ibiri, rukazorangira kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017.

Uruganda Burundi-Business & Leadership summit rwatunganijwe ku ncuro ya mbere, ku civugo:’’Shiramwo umutahe wongere ube umurongozi’’, mu rurimi rw’icongereza:’’Invest and lead’’.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.