IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika yagumijeho ingingo zishira Uburundi mu bihugu biri mu bihe (...)

Amerika yagumijeho ingingo zishira Uburundi mu bihugu biri mu bihe bitoroshe

mercredi 8 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, iyo ngingo yari yafashwe mu mwaka wa 2015 n’umukuru w’igihugu w’ico gihe Barack Obama, izobandanya gushika mu kwezi kwa Munyonyo 2018.

Muri iryo tangazo, ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko iyo ngingo yari yafashwe kubera ubwicanyi n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba vyafatwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk’ibihungabanaya amahoro n’umutekano mu gihugu, no mu karere Uburundi buherereyemwo.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bikamenyesha ko ivyaboneka igihe ingingo yafatwa mu mwaka wa 2015 bikibandanya kwibonekeza, ari naco gituma iyo ngingo ibandanya gushika mu mwaka uza wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Hhhah Peter atanguranwa akeza Trump igihe yatorwa,asha iki n’ikimenyetso cuko DD itazocarukana CPI, erega amaraso arasama

  • Erega DD ntaciza izosiga atari ugusesa amaraso y’inzirakarengane gusa,mbe za Mbonerakure ko zitagiye kwiyamiriza Trump kuri Ambassade y’America nkuko zisanzwe zibigira kuri Ambassade y’u Rwanda no ku bureau vya ONU?

  • Ahubwo Trump agire vuba adufatire vya binywamaraso vyose abishengeze i la Haye

  • Hafsa mbe wewe ukorana na Trump na CPI uzi yuko ivyo wavuze vyaraye vyemejwe?CPI igira itangure amatohoza ku mabi yose yakozwe muri ca gihe c’imigumuko,asha y’amatora yo muri 2020 nkeka azoba indongozi zacu zipfunzwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.