Accueil > Amakuru > u Burundi > Amezi indwi araheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA aburiwe (...)
Amezi indwi araheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA aburiwe irengero
mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par
Amezi indwi yose yakwiye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 22 Nzero 2017 atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Mu muryango wiwe babandanya gusaba ko ukuri kwoja ahabona kuri uwo mumenyeshamakuru atawuzi iyo ari.
Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.
Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.
- Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.
IGIHE
Messages
22 Ruhuhuma 2017, 23:31, par .
Aharero hariho ababonye abarundi turiko turironderera ivyotuma twiyubaka abonibamwe batwifuza inabi twebwe abarundi nuburundibwacu baciye babaha amahera ngomuvuge nimiburiburi ivyakahise, ariko muzokwisema, ndibuka imbere ya kudeta mwama mwaharuye ngo Manirumva ngohaheze igihekigana iki ngwapfuye none imyaka itatu igombihere mutasubiye kugogota mwandika mumuvuga.
23 Ruhuhuma 2017, 09:40, par Bernard
Burya ico mwomenya gusa ntaneza yukumena amaraso umena amaraso ukikwegera umuvumo mumuryango wawebndetse nigihugu.
23 Ruhuhuma 2017, 21:33, par HAKIZIMANA
nibazo ko azoboneka.nukwihangana,imana iramubona mubigeragezo yaciyemwo umuryo wiwe niwihangane,ahubwo nkuko umuvugizi wigiporisi yabivuze nibakorane ninzego zumutekano,amatohoza akore murokoze nuko ndavyiyumvira,
24 Ruhuhuma 2017, 14:48, par Minani
Nje namubonye i Congo muri Uvira.