Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amnesty International: Haracari vyinshi vyo gukorwa muri Afrika ku gateka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amnesty International: Haracari vyinshi vyo gukorwa muri Afrika ku gateka (...)

Amnesty International: Haracari vyinshi vyo gukorwa muri Afrika ku gateka ka zina muntu

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu kw’isi Amnesty International rimenyesha ko hakiri vyinshi vyo gukorwa ku mugabane wa Afrika mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Igihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe na Amnesty International mu mwaka wa 2016, Muthoni Wanyeki arongoye iryo shirahamwe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’Uburaruko yavuze ko mu bihugu vy’Uburundi, Eritreya na Etiyopiya hari ukutihanganira abatavuga rumwe na Reta.

Muthoni Wanyeki yavuze ko hari ibisa n’ibitero bikorwa ku mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Sudani yo mu Bumanuko, hamwe no gupfunga abantu ikivunga biba mu gihugu ca Tanzaniya na Sudani.

Uwo arongoye ishirahamwe Amnesty International mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’Uburaruko avuga ko ku mugabane wa Afrika hakiri umukazo, intambara no kubuza abagira imyiyerekano, ionddyane za politike hamwe no kutihanganiranira.

Muthoni Wanyeki avuga ikindi giteye amakenga ku mugabane wa Afrika ari uko hari abategetsi bamwe bamwe bagerageza kurondera uburyo bwose bwo kuguma ku butegetsi.


IGIHE

Messages

  • None komumaze kubona kwivyo bihugu bihohotera abenigihugu mwafashe ingingo iyahe yoguhasha ivyobihugu ngovyikosore?, Ego turabona ko kwibihugu bitubahiriza agateka kamuntu mugerageza kubifatiribihano kuvyubutunzi, ariko ivyo ntibihagije,nizindi ngingo zibihano bikomeye, zarizikwiye gufatwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.