IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Annie Bernice Nikuze : Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge

Annie Bernice Nikuze : Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge

jeudi 10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Yize ishuri mw’ishure rimwe ariryo “Ecole International de Gitega”, ubu akaba yiga kuri kaminuza yitiriwe umuco i Bujumbura.

Miss Burundi 2017 yari umwana afyina kandi atinya ariko aravuga ko uko yagiye arakura, yagiye arahinduka.

Akiri mu mashuri yisumbuye, rimwe na rimwe yarakunda kuremesha ibiganiro kuri radiyo Humuriza FM. Arongera akavuga ko naho atiga ibijanye no gushikiriza ibiganiro, afise indoto yuko muri kazoza yo kuba uwushikiriza ibiganiro ku mboneshakure wo ku rwego rwo hejuru.

Umuririmbiramana wo muri “chorale Voix d’ange”, Annie Bernice akaba ari umwigeme akunda gusenga, agakunda gusoma n’ukuraba ibiganiro ku mboneshakure. Akaba yanka abantu biyorobeka.

JPEG - 77.6 ko
Annie Bernice Nikuze, umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge aheruka gutorwa

Mu mugambi wiwe wo guteza imbere urwaruka rufise impano, Miss yipfuza gukorana n’urwaruka nka Shaquille Mugisha acapa na Audrey aririmba.

Miss Burundi 2017 akaba azokorana n’ubushikiranganji butandukanye hamwe n’itangazamakuru, mu migambi yiwe.


Huguette NKURUNZIZA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.