Accueil > Amakuru > u Burundi > Annie Bernice Nikuze : Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge
Annie Bernice Nikuze : Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge
jeudi 10 Myandagaro 2017, par
Yize ishuri mw’ishure rimwe ariryo “Ecole International de Gitega”, ubu akaba yiga kuri kaminuza yitiriwe umuco i Bujumbura.
Miss Burundi 2017 yari umwana afyina kandi atinya ariko aravuga ko uko yagiye arakura, yagiye arahinduka.
Akiri mu mashuri yisumbuye, rimwe na rimwe yarakunda kuremesha ibiganiro kuri radiyo Humuriza FM. Arongera akavuga ko naho atiga ibijanye no gushikiriza ibiganiro, afise indoto yuko muri kazoza yo kuba uwushikiriza ibiganiro ku mboneshakure wo ku rwego rwo hejuru.
Umuririmbiramana wo muri “chorale Voix d’ange”, Annie Bernice akaba ari umwigeme akunda gusenga, agakunda gusoma n’ukuraba ibiganiro ku mboneshakure. Akaba yanka abantu biyorobeka.
- Annie Bernice Nikuze, umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge aheruka gutorwa
Mu mugambi wiwe wo guteza imbere urwaruka rufise impano, Miss yipfuza gukorana n’urwaruka nka Shaquille Mugisha acapa na Audrey aririmba.
Miss Burundi 2017 akaba azokorana n’ubushikiranganji butandukanye hamwe n’itangazamakuru, mu migambi yiwe.
Huguette NKURUNZIZA
Messages
11 Myandagaro 2017, 08:00, par Bosco Nshima
Eeeee naz turarindiriy tuzoba tubona!imvugo izijane n,ingro ntibiz biherere mumigambi.