Accueil > Amakuru > u Burundi > Antime BARANSAKAJE yashikanwe mu bitaro i Bujumbura
Antime BARANSAKAJE yashikanwe mu bitaro i Bujumbura
jeudi 15 Kigarama 2016, par
Mu gihe abaganga bakurikiranye amagara y’umutimbo Antime BARANSAKAJE bari basavye ko yorungikewa kuvurirwa i Narirobi canke mu Buhindi, ntibirashoboka ku mvo z’ukubura uburyo nk’uko umuryango wiwe ubimenyesha. Uwo mutama w’imyaka 81 yamanukanwe i Bujumbura mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled, aho ariko aravurirwa. N’aho nyene, amafaranga imiriyoni 15 y’ukugura icuma gikenewe (prothèse) kizova hanze y’igihugu ntaraboneka. umuryango wiwe abandanya gutabaza abagira neza.
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa ari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda amagara yiwe arabangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki. Uwo azwi cane mu bafashije mu guteza imbere ingoma z’Uburundi n’akaranga k’Uburundi asaba abagira neza hamwe na Reta kumugarukirako, kuko amafaranga akenewe kugira aje kwivuriza hanze atayo afise.
- Umutama Antime BARANSAKAJE
Hagati y’imiriyoni 13 hamwe na 15 z’amafaranga y’amarundi niyo umuryango wa Antime BARANSAKAJE uvuga ko akenewe kugira ajanwe kuvurirwa i Nairobi mu gihugu ca Kenya, canke mu gihugu c’Ubuhindi, nk’uko vyasabwe n’abaganga bamukurikiranye akigira iryo sanganya.
Umuryango w’uwo mutama usaba ko Reta y’Uburundi itokwirengagiza ako kamo k’ukumuvuza, kuko yakoreye igihugu. N’abandi bose babishoboye bakaba basabwe kugira ico baterereye.
BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.
IGIHE