IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Arusha : Reta y’Uburundi ntiyitavye ibiganiro vyatumweko n’umuhuza (...)

Arusha : Reta y’Uburundi ntiyitavye ibiganiro vyatumweko n’umuhuza MKAPA

mercredi 15 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi iremera ko yaronse ubutumire bw’ibiganiro bizotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017 i Arusha, ariko muri Reta bakavuga ko batazokwitaba ivyo biganiro kubera vyatumiwemwo abadashobora kwicarana na Reta y’Uburundi.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko yiyamirije ingendo yoza guhungabanya ivyo Abarundi bamaze gushikako mu biganiro bihuza Abarundi biriko bibera mu Burundi. Reta y’Uburundi yamenyesheje kandi urutonde rw’abatumiwe n’umuhuza MKAPA rutubahiriza amategeko mpuzamakungu, nk’uko vyashikirijwe na Claude KARERWA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Mu gihe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin William yatumiye bamwe mu bagirizwa ko bagerageje gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubutungane bw’Uburundi bubandanya gusaba ko bohagarikwa, bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bubakurikirane kuvyo bagirizwa.

Ibiganiro bihuza Abarundi bizotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Naho Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko itazohonyozayo ikirenge, bamwe mu batumiwe bashitse kuri uwu wa gatatu, buca ivyo biganiro biba. Abo nabo ni : Domisiyano NDAYIZEYE yahoze ari umukuru w’igihugu, Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu, hamwe n’abandi banyeporitike bavuye hanze y’Uburundi.

Mu runani CNARED bavuga ko barungitse umurwi ukomeye "Délégation de haut niveau" i Arusha, uwo murwi ukazoba ugiye gusubira kwibutsa ivyasabwe n’urwo runani ko umuhuza MKAPA yohindurwa, vyanse naho umuhuza ahabwe abandi bamufasha batanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubumwe bwa Afrika, kugira "MKAPA ashobore gukora yigenga", nk’uko muri CNARED babisaba. Abo baserukira CNARED bagashika i Arusha mu gatondo ko kuri uwu wa kane, umunsi w’ibiganiro.

Abandi banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi boba bararonse ubutumire ni : Charles NDITIJE, Hussein Radjabu, Godefroid NIYOMBARE, Frederike BAMVUGINYUMVIRA, Leonce NGENDAKUMANA, Agathon RWASA, Bernard BUSOKOZA, Leonidas HATUNGIMANA yahora avugira umukuru w’igihugu, Onesime NDUWIMANA yahora avugira umugambwe CNDD FDD, Yohani MINANI atwara CNARED, Alexis SINDUHIJE, Piyo NTAVYOHANYUMA hamwe na Gervais RUFYIKIRI.


IGIHE

Messages

  • Bravo CNARED, biribonekeje ko DD ar’inyankaburundi, Union Africaine na Union Europeene mufate ingingo ruhasha,assante Mkapa

  • Ivyo Nkurunziza Petero nakarwi kiwe bifatikiza sivyo!, jewe ndabisigura kwarubwoba bwogutinya guseruka ahazoba havyagiye ivyobihangange mwumvinse vyatumiwe, kuko bamwe barabazi kwarinseruka rukavye batazikuryumunwa, bamwe barabanye mumugabwe CDD FDD abandi nubwo batabanye mumugabwe wabo barabamenya cane. kubwivyo babonye kuja kumaramarira imbere yamakungu koryoba ribaye ibara !, Mbe uticaye hamwe nuwagukubise wokwicarana nande? nibwo buryo bwokumubaza icoyaguhora kugira rwagukubite,ubwo nubujuju butagabanije.

  • Mbega igisaza sha mwagize isoni Kuko mundafise ijambo mwabonye yuko hatumiwe abagabo ubuho sigwiza murogo Ka Jean Bigirima consielle nibigira ubuho ni Rajabu na Alex sinduhije, Busokoza, na Nditije muragenda turabe igingo meahora mubesha Umuhuza mukapa

  • Tangu nizariwe twende Tanzania Twende Tanzanzania.maishayetu Niakuchekwa mpaka mungu ashuke

  • UMUHUZA YIFASHE MURI RIMWE KO NA MUZEHE YMUTUMIYE.UYU MUSI NIHO IKINYOMA C,ABAGUMYABANGA CARI KUGARAGARIRA KUKO MUZEHE YARI KUBAMENERAKO ISAHO.RETA NIBAYIGIRE NKO MURI LYBIE

  • Mbe basha uwo mugabo pita yananiranye utaganiy nuwo muhamana woca uganira nande?niyemere aveko kuk baramuhonyora.nazo inkoho boza ku musi abarasa barakwiye.

  • Nti Muhonyore Arusha Kubonana Nabo Bicanyi

  • Umuntu Yitegereje Urutonde Rw’abatumiwe,n’abagize Opposition Ahanini.

  • turake reta yuburundi kuriyongingo yafashe yokutitaba ivyobiganiro vyakajagari kuko kobaragasuzuguro, kwisi yose abashatse gutembagaza intwaro yademokara bararonderwa bagashikirizwa ubutungane akarorero muri tirikiya nomuri burkina faso abagovye gutembagaza intwaro bose barabafashe ubu barimbere yubutungane hama muburundi ngo nyabuna nibaje mubiganiro! nakamaramazape, ikindi naco nkabataye akazi nkabo ba Piyo ntavyohanyuma ba Rufyikiri ba hatungimana ba Onesime nka Radjabu yatorotse agasho? nibindi birwarudubi mbonyengaho abobose bazakumariki mubiganiro? umuhuzanawe arahuzagurika kanatsinda UNI yaravuze abakwiye kwitaba ibiganiro abaribo ko arabataronderwa nubutungane rero reta irafisivo yokutavyitaba

  • Nibageragez pita aje ku murongo twihungukir kuk ntawotaha amusanga kur pouvoir yomwica.

  • Radio BBC iravugako abayobozi bu Burundi bafise trauma....Hatari kabisa

  • Hhhhhh!mwibagira ningoga ariko!

  • kuki Etas unis itaraganira na Alquaida?

  • Bashaka babahuze Kubiki ahubwo bokwitaba muri ICS abashatse guhirika ubutetsi ,abo tuzosanga bitabagira bazohunguka ababigize mwuruhara ubutungane buzokora.

  • NTAKGANIRA N’IBKOZI Z’IKIBI NIBAJE HARIYA. AHUBWO BAFATWE VYIHUTA BABAZANE BACIBWE IMANZA

  • Ego Bagiye Mubiganiro None Reta Koyagiriza Abandiko Yabakoreye Ivyaha Hakaba Harabantu Ibihumbi Reta Yakoreye Ivyaha Tuzokwitwarahe ? Nabodufasaje Ko Bikwegerako Dufase Natwe Turenganugwe Turi Banyarucari

  • ndashimiye leta yuburundi kwititavye ibiganiro kubera hatumiwemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi kandi ahubwo twosaba Tanzania koyobadufatira babazane muburundi bacirirwe urubanza

  • Mbe ko DD ko bibagiwe kuvuga ko u Bubiligi n’u Rwanda babifisemwo uruhara?

  • Nkawe wiyita MWUMBA muriyi nkuru haraho banditse u RWANDA ? Ese kuki wigira umuvugizi harumunyarwanda wabigusabye ubwo se ushatse kwerekana ko ukunda u Rwanda kuturusha twe banyirarwo ?icyo twasaba abarundi mwese aho muri hose nuko mutajya muzana Cg muvuga u Rwanda mwite kubyanyu bibareba

  • turagow abarundi twari tuzi ko tugiye gutora agahenge tuzi ko reta yitaba nn ikuyemwo akarenge rek turabe ibizoherera .

  • Emwe Nuburundi Bwaragowe.None Hoja Kubonana Abumvikana.Ahubwo Hagenda Abatumvikana!Ahubwo Nibareke Kudukinirako Amanyanga Gusa.

  • Mbega Mwumba Kuki Ivyuvuga Vyose Witwaza Urwanda? Barakwiyama Ntiwumva Uzumvirayo. Noneho Warivugiye Kuri Umukukuruke Ntibitangaje. Narakubwiye Kugeze Muri Retour D’ages.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.