Home > Amakuru > ishirahamwe > “Ata muco uko amafaranga yatojwe akoreshwa, igihugu ntigitera imbere”: (...)
“Ata muco uko amafaranga yatojwe akoreshwa, igihugu ntigitera imbere”: Faustin NDIKUMANA
Monday 11 June 2018, by
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018,umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi caronse ikibanza kibi mu cegeranyo cakozwe n’ikigo mpuzamakungu kiraba ingene amafaranga atozwa n’ingene akoreshwa mu gihugu mu gihe iyo hari umuco murico gisata bituma igihugu cisununura.
Faustin NDIKUMANA yavuze ko kumenyesha amafaranga aba yatojwe n’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagasi (OBR) biba bidahagije kuko umunyagihugu aba akeneye kumenya ahanini uko ayo mafaranga aba yakoze.
Kugira haboneka umuco mu bijanye no gushira ahabona amafaranga yatojwe n’uko yakoreshejwe,uyo mukuru wa PARCEM asaba ko sentare ijejwe kubahiriza amatungo ya Reta yofasha kugira hamenyekane abantu baronka uturusho n’abaribo “Exoneration” hamwe no gushiraho agatabu kerekana imigambi igiye kurangurwa hamwe n’abaronse amasoko.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
11 June 2018, 14:19, by tangakazi
vyosaba ko leta igena indongozi zikunda imana cn nkabakijijw koko,ataruko bizogora.