Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu barongoye ibisata mu giporisi c’Uburundi bahinduwe
Bamwe mu barongoye ibisata mu giporisi c’Uburundi bahinduwe
jeudi 3 Myandagaro 2017
Mu giporisi kijejwe umutekano mu mabarabara PSR hagenwe OPC1 BANKIBIRWIRA Roger kugira asubirire Alfred Innocent MUSEREMU yari yagenywe muri ico kibanza mu kwezi kwa Gitugutu 2014.
Mu giporisi kijejwe kurwanya imigumuko, hagenywe OPC2 MANARIYO Jean Claude abe ariwe akirongora, akaba yasubiriye Emmanuel MANARIYO.
Abandi bagwenywe ni umukuru w’igiporiri kijejwe kurwanya iterebwoba,akaba ari OPC2 NZEYIMANA Alexandre.
Igiporisi kijejwe umutekano wo mu mazi kigiye kurongorwa na OPC1 HABONIMANA Louis, mu gihe igiporisi kijejwe gukingira imico kigiye kurongorwa na OPC1 BAHUFISE Therence.
- Emmanuel MANARIYO, yahora arongoye igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko
Emmanuel MANARIYO yahora arongoye igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko, yari yegenwe mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2016, inyuma yaho uwahora akirongoye Desire UWAMAHORO afashwe agapfungwa yagirizwa kwiba akoresheje urwenge.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 Myandagaro 2017, 16:12, par Hakizimana Gerard
Turamushimiye cane nyakubahwa umukuru wigihugu cacu kuvyoyakoze kuko nakazi kamisiyosi kigihugu kuko yakoze neza.umwewese nakazi kiwe.murakoze