IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bashikiranganji bagenwe batanguye kubisikanya

Bamwe mu bashikiranganji bagenwe batanguye kubisikanya

mardi 24 avril 2018

Igikorwa co kubisikanya catanguriye mu bushikiranganji bwaho bwitwa ubushikiranganji bw’amaposita, gutumatumanako amakuru, ibimenyeshamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Umushikiranganji Nestor BANKUMUKUNZI yahora arongoye ubwo bushikiranganji, yabisikanije na Evelyne BUTOYI agiye kurongora ubushikiranganji bw’urwaruka, n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Uwundi yabisikanije na Nestor BANKUMUKUNZI yahora arongoye ubushikiranganji bw’amaposita, gutumatumanako amakuru, ibimenyeshamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, ni Serges NDAYIRAGIJE agiye kuramutswa ubushikiranganji bwo guhanahana amakuru n’ibinyamakuru.

Serges NDAYIRAGIJE yahora aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, nawe akaba yasubiriwe na Jeanne d’Arc KAGAYO yahora arongoye ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine.

Ahandi babisikanije, ni mu bushikiranganji bw’amagar y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Josiane NIJIMBERE yahora aramutswa ubwo bushikiranganji, yabisikanije na muganga Thaddée NDIKUMANA, yahora ari umuvugizi w’ubushikiranganji.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.