IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka basavye ko ibwirizwa (...)

Bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka basavye ko ibwirizwa ryohindurwa

vendredi 10 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu bashingamateka baganiriye n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro basavye ko ibiyago vy’i Arusha bihuza Abarundi vyobandaniriza mu Burundi, n’ibwirizwa shingiro rigasubirwamwo hisunzwe ivyipfuzo vy’abarundi.

Imbere y’uko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro ushikiriza icegeranyo kigira kabiri, wabonanye n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka kuri uwu wa kane. Benshi muribo bakaba basavye ko ivy’ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyokurwa mw’ibwirizwa shingiro, umukuru w’igihugu yatowe agatwara igihugu umwanya wose abanyagihugu bazoba bakimwizeye bakamutora.

Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yasavye kandi ko mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi boshiramwo ibihano vy’akarorero vyahabwa abogerageza gutembagaza ubutegetsi bwatowe n’abanyagihugu.

Mu cegeranyo ca mbere giheruka gushikirizwa n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi, bamenyesheje ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Musenyeri Justin NZOYISABA yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi bari mu biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Murikirigita mugaseka ,ONU na Union Europeene ntimuzobacarukana, fimbo chapa

  • abo namacandya kanatsinda ntawe baserukira ivyo biganiro vya karwi nuguta umwanya ntanakimwe kizovamwo

  • Hakwiyegusohokanitegeko,uwuzofatwayishe.Cankeyivye.Yicwe.Mbegako,ahoreta.Atacibivugako???

  • Nunva umuti usigaye ku butegetsi bwicaduka arugukoresha umuheto abagifinsi umutima wigihungu ni bashigikire abasirikari bahunze IGihungu bakoreshe igufu ndizeye yuko amakungu azobafasha natwebwe twemeye kubabera Ambassador wogusobanura ihonyabwoko Nkurunziza akorera abenegihungu

  • JEKUBWANJE NUMVA IBWIRIZWASHINGIRO RYOHINDUKA KUKO UMUTEGETSI ATOWE AGATWARA IBIRINGOVYOSE ABENEGIHUGU BAKIMWEMERA KABAMWIYUMVAMWO

  • MWEBWE ABARUNDI KO TURI KUMWE NTI BAHINDURE IBWIRIZWA SHINGIRO KOKO NI KWI GUNGIRAKO UBUTEGETSI TUKAGWA MUMPORERO ARUKUBERINDA ZANYU

  • Abo bategetsi nimba batavyigirisha barirengagiza ico bita democratie.mugende muri Zimbabwe murabe ukuntu bimeze nabi,iyo umu president aguma arumwe ntabishasha bibamwo kandi mutavyirengagije mwagiye mwishamba kugirangu mushike kubutegetsi,Afrika ntizotera imbere mugihe hakiri ivyiyumviro vyokwikumirako ubutegetsi nimurabire kuri Amerika,2mandat ntawuzirenza!

  • Ingaruka zizogaruka kuri mwebwe nabana banyu,uwo mutima wakanyeshamba ntaco uzobafasha ataruko mugiye gusubira mu misozi yo muri congo,ni murihindure mugabo ONU murikumwe.

  • Huuuu,igisigaye duhagurukire rimwe twunge urunani,dufate umuheto abo bacangero ba DD,tubikure kwizosi.

  • Biroroshe guhindura ibwirizwashingiro kuko INTWARO ari iya Cndd-Fdd, ariko bizogora kurishira mu ngiro kuko IGIHUGU ari ic’abarundi bose y compris les opposants et mal-aimés du pouvoir en place, isango rero ni 2020 muri ONU.

  • Jewe namye mvuga yuko uwo mu pasitori nigikoresho cabanye poriteke, nta Mana agikorera yahesemwo gukorera shetani Nkurunziza Petero!, naravuze yuko nakurikiranye ivyuyo murwi kuva bigitangura, ntavyokubakigihugu vyigeze bivugwamwo, hanini havugarwamwo ibijanye namacakubiri, nokurondera uburyo bokingira bokingira uyu mukuru wabicanyi NKU , PETER. Icombona ngaha muburundi ntube turitegurira intambara idasazwe kuko ntamurundi wu mutima azokwemera kubandanya arongorwa na bacotse mumitwe. Abadashoboye nabo bazobe bararondera inzira hakirikare, kuko harihuwuzorondera inzira bitagishoboka, nayo abobashingamacarya nabakenguza bucuri bazokwibuka kuyora basheshe.

  • Ahubwo Sanze Kugera Nubu Mutaracubwenge, Ngomufate Imiheto Mwibagiyeko Niyo Mwari Mufise Babahaye Mugutembagaza Ubutegetsi Twayibatse Nubu Nyarutsa Muyifate Nikurya Nyene Muzobaze Umuheto Ntufata Imbwa Zose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.