Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza: Buramatari asaba ababishoboye gufasha abanyagihugu basinzikajwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza: Buramatari asaba ababishoboye gufasha abanyagihugu basinzikajwe (...)

Bubanza: Buramatari asaba ababishoboye gufasha abanyagihugu basinzikajwe n’inzara

jeudi 19 Nzero 2017

Buramatari w’intara ya Bubanza asaba abarundi gukoresha umuco wo gufashanya wamye uranga abarundi,mu gufasha abanyagihugu bo mu bice bimwe bimwe vy’intara arongoye,kuko bugarijwe n’inzara.

Nkuko bishikirizwa na buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse NIYONGABO, ibice bisinzikaye ni komine ya Gihanga,imitumba imwe yo muri komine ya Mpanda,imitumba imwe yo muri komine Rugazi,n’imitumba imwe yo muri komine ya Bubanza.

Buramatari w’intara ya Bubanza amenyesha ko abanyagihugu basinzikajwe n’inzara ,bakeneye cane cane infashanyo z’infungurwa ,kuko muri ivyo bice bisinzikaye abanyagihugu baho ataco bafise bafungura.

Tharcisse NIYONGABO ,atera akamo amashirahamwe yaba ayo mu gihugu canke,amashirahamwe mpuzamakungu gufasha abanyagihugu, kuko abanyagiuhugu badafise ico bafungura.


IGIHE

Messages

  • Gerageza nawe uje imbere mugufasha akimuhana kaza imvura ihise, uburundi bugiye kuja mungorane zitandukanye mutabaranye igihugu cose mudukureko amakori nama tax yumurengera yamisi yose

  • Munyumvire vraiment none ko Abarundi twisamburiyeko nk’Impene, ubu u Rwanda ntirwodufashije ko bobo ari abatunzi kudusumvya,mugabo Peter Nkurunziza yashavuje Nyakubahwa Paul Kagame none ndabira ayo tubonye,President wa Rwanda tusame siye barundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.