IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza : Umuporisi yishe umuhabara wiwe nawe arirasa

Bubanza : Umuporisi yishe umuhabara wiwe nawe arirasa

samedi 15 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

APC Antoine NDAYISENGA, umuporisi yakorera muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yagandaguye arashe umuhabara wiwe, aho akaba ari mu gihe uwo mugore yari agiye kumusaba amafaranga y’ugutunga abana babiri bavyaranye, nk’uko amakuru ava aho i Bubanza abivuga.Umugore yemewe n’amategeko w’uwo muporisi aba mu ntara ya Ruyigi.

Uwo muhabara asanzwe aba i Bujumbura, mu biganiro yagiraniye na APC Antoine NDAYISENGA, ntibumvikanye, bompi baca batangura kuganira badashira hamwe. Uwo muporisi yaciye yugurura umuriro, arasa amasasu yahitanye uwo mugore, akomeretsa umwana basangiye yari ahetse.

Nk’uko OP1 NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi abimenyesha, uwo muporisi nawe yaciye yirasa nawe aracikana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.