IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Igikorwa c’ugukura iyarara cahawe amashirahamwe mashasha

Bujumbura : Igikorwa c’ugukura iyarara cahawe amashirahamwe mashasha

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, basaba ayo mashirahamwe yatowe, rimwe kuri zone, ko yoca ashira umukono ku masezerano y’ukura iyo micafu mu ngo zo mu gisagara ca Bujumbura, amasezerano azohuza ayo mashirahamwe hame na SETEMU, n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Komine Mukaza izoguma ikorana n’ishirahamwe BCCO (Bujumbura Cleaning Company)

Ayo mashirahamwe mashasha ahawe ico gikorwa mu gihe abanyagihugu bo muma zone amwe amwe agize igisagara ca Bujumbura bari bamaze iminsi bidogera ishirahamwe rijejwe gukura iyarara mu ngo ko rimara iminsi myinshi ishobora n’ugushika ku kwezi abagize iryo shirahamwe bataje kubakurira iryo yarara.

Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko umuntu wese aba mu gisagara ca Bujumbura azotera umukono ku masezerano y’ishirahamwe rimukurira iyarara, bumvikane iminsi y’ukurikura. Amafaranga y’ukuriha akazoba atandukanye, bivanye n’amikoro y’abanyagihugu bo muma zone agize igisagara ca Bujumbura.

Amashirahamwe mashasha yahawe ico gikorwa


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.