IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imihana y’Ababirigi yasatswe

Bujumbura : Imihana y’Ababirigi yasatswe

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi casatse kuri uwu wa kane imihana y’Ababirigi iri muri karitiye ya Kabondo, mu gisagara ca Bujumbura. Abaporisi bashitse kuri iyo mihana hakiri kare cane mu gatondo ko kuri uwu wa kane, ariko bakaba barindiriye ko uwuserukira Ububirigi mu Burundi ahashika kugira igikorwa c’ugusaka gitangure.

Inyuma y’umwimvikano hagati y’uwuserukira Ububirigi mu Burundi hamwe n’abaporisi bari barongoye ico gikorwa, umuporisi umwe atagira inkoho niwe yemerewe kwinjira gusaka muri izo nzu, akaba ariko yaba ari kumwe n’umusirikare w’umubirigi.

Muri iryo sakwa, uwo muporisi yanditse amazina y’abantu bose asanze baba mu nzu yasaka imwe ku yindi, akaba kandi yandika ubwenegihugu bwabo.

Ukwo gusaka kwahungabanije ibikorwa vy’abo babirigi baba mu Kabondo, kuko abemerewe kuva muhira ari abari bafise ibikorwa vyihutirwa. Abandi bategetswe kuguma muhira barindire.

Ivyavuye muri iryo sakwa ryabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kane, ni makuru yacu yo hanyuma.

@Photos: Teddy MAZINA


IGIHE

Messages

  • Abo nukubasheraguza izo ni mujeri nuguraba mubagiy gusaka yuko ari nryamunyu ibushitse idahava ihishira ikibaba abamenja bar mwizo nzu reta yuburundi iriko iriha iteka ritarigera ribaho ko gutembagarisha agati imbwa za ba koloni umuzungu gusakwa nkimbwa,nukubabuza ihwemo babure uko binjiza ba sinayipa muburundi murakoze.

  • Ico gikorwa ndagishimye cane kabisa.

  • ahubwo nibatahe baje kwibanira na cnared yatsinzwe kukibuga ca politique nigwano batanguje kandi bagwaye mumutwe!tuvireho abarundi turi ingabo cnared yarabibonye tutibagiye na kagame .police oyeeeee

  • igiporisi carasaze... aka ni akamaramaza.

  • Weeee chezea nkurunziza
    Umwaka aradukomesha ntagufuruguta

  • aba bazungu barashonje ahubwo raba ayo ma ONG iyo ava nico ashinzwe.
    bazo gusambanya benewacu gusa

  • mwebwe muriko mugira commnt mubatuka kubera mufisigitunguru mukanwa nimugiru mupirawanyu kurivy bitunguru muriko muronka mureke kudukindirako poritike mufise niyamada yanyu ntanumwe murimwebwe akundiguhugu ahubwo dabakebure nimurabeneza ntibizebibace mumazuru mukibagir akazoza kayomada yanyu.ahubwo nimurab akazoza kebariber ahimana nivyikunda

  • Mwubahutse vyinshi,Imperuka yaba DD yashitse,umukoloni w’umuzungu azokwama ari umukoloni,uwinjiye gusaka murayo mazu nuwamutumye ntibabigiriye a Babiligi gusa ahubwo babigiriye l’Union Europeene yose,reka baze babereke uko zambarwa,DD finit

  • Iryo nihahamuka iyumuntu ya rwaye ihahamuka ntanico yibanga! kwamakontinere yinkoho koyuzuye mumbonerakure kobataza kuzisaka?,burya ibirwarudubi muba CDD FDD vyararwiriye!. Ibindi birwanisho biri munzu kwa Nkurunziza Petero, kuko ivyo yasize ahavye mwishamba kuko ntiyanabikuye mwishamba rwavyereke amakungu ko yavuye mwishamba. Unomusi nivyo biriko biranyegururwa bihabwa imbonerakure,ariko sinabaza kwivyo biriko birava mubabirigi ngo bihabwe imbonerakure?,aba dd dd muzompe inyishu.

  • Abo Babirigi Na Bakagame Bafise Umugambi Wo Kutumara . Ariko Turabakorerako Ntakabuza Imana Niyo Nkuru Kandi I Rokwama Ikingira Uburundi Nabarundi .

  • Ababirigi Nibeza Ikibi Cabo Nuko BaCanishamwo Abarundi Bafadikanije Na Kagame .

  • Ababirigi Nibeza Ikibi Cabo Nuko BaCanishamwo Abarundi Bafadikanije Na Kagame .

  • Ababirigi Nibeza Ikibi Cabo Nuko BaCanishamwo Abarundi Bafadikanije Na Kagame .

  • Mwahizeneza kubasaka aribikunda mwozamurabasaka burikwezi canke buri week.

  • Impamvu mwobasaka buri week nuko mwoza murahindagura uwagiyeyo mwi week iheze siweyosubirayo kuko harigihe yoshika munzu akabonamwo bugungwe yikirwanisho bakaca bamutakambira ngo tubabarire ntubivuge akira idorari ibihumbi $100 akayatoro.
    Maze yasohoka akavuga ibinyuranye nivyo yabonye.
    Jewe rero ukonobikora nuku:
    Kubera maze kubona abarundi dukunda amahera cane bayambaye noyakira maze nashikahanze nkavuga ivyonabonyevyose maze nkareba kwavugako yapaye amahera maze bakacabamumbariza icoyarikuba yayampereye akacafatwa nikindicaha cogutanga ruswa.

  • NIBABAREKE TUBANE BAREKE KUBATOTEZA.

  • Abarundi mesures bari gufata ubu Iyaba bari barazifashe kera dégâts ziba Zarabaye nke. Niba nabo ni ugusaka. Ntimuzi abishe abafaransa abesipanyoro abacanada. .

  • Nibabakorereko Abo Nibo Bazany Amacakubiri

  • none imihana y’abanyarwanda izosakwa ryari none izo mpoho zishika Bujumbura muraba hehe? Mubandanye muzobona ibizovamo. L’ennemie du Burundi est un burundais ce n’est pas un Rwandais ni Belges

  • At ndumbuli babwire kabisa Abanyarwanda ntacyo dupfa nabarundi, Ni politike zamacakubiri kandi aho yagejeje Ibi bihugu mwarahabonye mwebwe mukore muve muma poritike muzarebe ko igihigu cyanyu kidatera imbere

  • Mubisanzwe ivyo gusaka ababirigi nibazako atari intama yuriye inzu. Nimba tutakiri mugikoroni aho amategeko amategeko araba abazungu nayaraba abarundi yaratandukanye, ntakibuza badasakwa nkabandi bose.

  • Nibafume babatahukana basi hako hogum icuka kibi nkuko bavugeko badakeneye kubon umubirigi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.