Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza: Imiryango iba mu kirwati ca Kagaragara igiye kwimurirwa mu kindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza: Imiryango iba mu kirwati ca Kagaragara igiye kwimurirwa mu kindi (...)

Bubanza: Imiryango iba mu kirwati ca Kagaragara igiye kwimurirwa mu kindi kibanza

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Imiryango amajana atanu iba mu Kigwati ca Kagaragara kiri mw’ishamba cimeza rya Rukoko,riri muri Zone Buringa,Komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza,niyo izokwimurirwa mu kindi kibanza mu ntumbero yo gukingira umutekano n’ibidukikije.

Mu nama y’umutekano yabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka wa 2017,iremeshejwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI,uwo kwivuna abansi Emmanuel NTAHOMVUKIYE n’uwo intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE ,abo bashikiranganji basavye abanyabubanza kubungabunga amahoro n’umutekano.

Ku ruhande rwiwe ,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko Reta ikunda abanyagihugu bayo,ko rero mu ntumbero yo kubakingira no gukingira ishamba cimeza rya Rukoko Reta iriko irondera ahandi bokwimurirwa.

Abo bashikiranganji uko ari batatu basaba abanyagihugu b’intara ya Bubanza kuvuga ko Reta iriko irakora mu ntumbero y kurwanya ikiza c’inzara kivugwa mu bice bimwe bimwe vy’intara ya Bubanza.


IGIHE

Messages

  • Abo ba jenero baraturembeje kbs. Aho basanze ama parcelle baca bimura abahaba kugira bahiyubakire mu mahera bivye igihugu. Wogira ibintu vyose barabirekuriwe aho kubungabunga umutekano bakorera politique ivanze urwanko ninzigo iranze urugero

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.