Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Umukuru w’umutumba akwije iminsi itatu ari mw’ibohero
Bururi : Umukuru w’umutumba akwije iminsi itatu ari mw’ibohero
lundi 17 Ndamukiza 2017, par
Emmanuel NIMENYA, umukuru w’umutumba muri Vyanda intara ya Bururi apfungiwe k’igiporisi kuva kuri uwu wa gatandatu, akaba yagirizwa ko ahora aca ibiti mw’ishamba cimeza ryo ku musozi wa kaberenge, ivyo biti bigacanwamwo amakara yaca adandaza.
Uwo mukuru w’umutumba yafashwe hamwe n’uwundi muntu yahora aca ivyo biti abitumwe n’uwo mukuru w’umutumba.
Igiporisi cafashe kandi n’imifuko hafi 70 y’amakara yacanwe muri ivyo biti. Uwo mukuru w’umutumba akagirizwa kandi ko yahora ashora mu kinyegero imbaho zivuye muri ivyo biti.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2017, 04:32, par Wakera
Yase ko bagabura n’imbonerakure hamwe na Munyoni atwara Police nefaste burundaise (PNB)
18 Ndamukiza 2017, 19:12, par Richard
Ntikiribwivu.
18 Ndamukiza 2017, 19:22, par marius
uwomuntunahanwekukonumumenja
18 Ndamukiza 2017, 20:16, par Jonas
Umugabo Azira Icakora