Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Umukuru w’umutumba yatawe muri yompi
Bururi : Umukuru w’umutumba yatawe muri yompi
samedi 17 Nyakanga 2016, par
Muri zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi, umukuru w’umutumba Mubira yahagaritswe. André Hajayandi afashwe mu matohoza ariko arakorwa ku rupfu rw’abantu babatu bo mu muryang umwe baheruka kwicwa ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi iheze.
Abo bantu batatu bo mu muryango umwe bishwe n’umuntu yabateye gerenade abasanze muhira iwabo muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Abo bishwe ni nyene urugo, umugore wiwe hamwe n’umwana w’imyaka ibiri. Ubwo bwicanyi bwabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, abo bantu bose uko ari batatu bakaba baguye mu nzu yabo.
Mu giporisi co muri komine Mugamba bari bamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo, ivyo mu giporisi bakabivuga kubera uwo mugabo yishwe ari kumwe n’umuryango wiwe yari asanzwe afise urubanza rw’amatati y’amatongo muri sentare.
IGIHE
Messages
17 Nyakanga 2016, 11:06, par Democrate sindumuja
Uwo mukuru w’umutumba ni bamureke kuko nyene kwicwa yazize akarimi kiwe "Toute vérité n’est pas bonne à dire"
17 Nyakanga 2016, 13:10, par Musaga
DD Murabe neza uwo muyobozi w’umutumba aho si Umunyarwanda??hhaahh ujinga mzigo
17 Nyakanga 2016, 17:40, par nkurunziza ferdinand
mbe none nimba mubo bapfa amatongo uwo mukuru w’umutumba atarimwo,yoba yafatiwe iki?kuki hatafashwe comité y’umutumba yose?
18 Nyakanga 2016, 07:56, par ARuber i
UWOYABISHE YAGOVYEGUTERANYA ABOBIBURANA KUKO AKADENDEREZO KAMWEHO ABAMWISHE NABASI BITERAMBERE
19 Nyakanga 2016, 22:15, par Bizimana
Mana Akila Abaw Ubashikane Mubwami.Abalundi Twali Dukwiy Guhindula Ingendo Wokumva Umuntu Yishw Nulupfu.Birababaj Kand Ndakunda Agakira
21 Nyakanga 2016, 21:09, par MVUKUSENGE
Ico Mbona Ibihe Tugezemwo Nugusenga