IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe "Together for a Great Burundi" ryatanze imfashanyo ku bana bari (...)

Ishirahamwe "Together for a Great Burundi" ryatanze imfashanyo ku bana bari mu bukene

jeudi 17 Myandagaro 2017

Umukuru w’ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ Lorenne Flavine MUREMESHA yamenyesheje ko urwo rugendo muri zone Buterere barugize mu ntumbero yo kwereka no gushira mu mitima abo bana bari mu bihe bigoye ivyiza vyo kwiga.

Lorenne Flavine MUREMESHA yavuze kandi ko kuba bagiye muri zone Buterere ari kugira basubize icizere imiryango iri mu bihe bitoroshe babicishije mu mu kubiyegereza.

Uwo arongoye iryo shirahamwe amenyesha kandi ko muri kazoza bipfuza ko batotanga ibikoresho vy’ishuri gusa, ariko kandi boshobora no kwubaka ishuri mu gihe bihaye intumbero yo guteza imbere igihugu biciye mu gufasha mu ndero y’abana, no gufasha urwaruka kwiyungunganya.

JPEG - 61.9 ko
Lorenne Flavine MUREMESHA,arongoye ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’

Umwe mu baronkejwe ivyo bikoresho vy’ishuri n’ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ yavuze ko ashima ico gikorwa cakozwe n’abarundi biga hanze y’igihugu, agasaba n’abandi babishoboye kubafasha kuko hakiri vyinshi bakeneye kugira bige neza.

Bahejeje gutanga iyo nfashanyo abari bagiye baserukira ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ bivuniye akanyota hamwe n’abana bari bagendeye.

Ishirahamwe ’’Together for a Great Burundi’’ rimaze imyaka ibiri rishinzwe , rikaba rigizwe n’abanyeshuri 47.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.