Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CAPES Plus na PISC-Burundi bagiye gutanguza isekeza ryo gusenga no (...)
CAPES Plus na PISC-Burundi bagiye gutanguza isekeza ryo gusenga no kwisonzesha
mardi 20 mars 2018
Mu kiganiro ayo mashirahamwe abiri yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018, amenyesha ko ivyegeranyo bishikirizwa ku Burundi ata kibanza biba bifise iyaba abarundi bakurikiza imico y’abakera, kandi bagasenga Imana.
Amashirahamwe CAPES Plus na PISC-Burundi amenyesha ko ico gikorwa co gusenga no kwisonzesha kizokorwa ku gushaka kw’umuntu, kandi ko kizoherekezwa no gutanga infashanyo ku bazikeneye.
Muri ico kiganiro ku bamenyeshamakuru, amashirahamwe CAPES Plus na PISC-Burundi asaba abarundi bose bavyipfuza, na cane cane indongozi, kubashigikira muri ico gikorwa bagiye gutanguza.
Ayo mashirahamwe ashinze iyo minsi ya kane yo mu kwezi kwa gatatu n’ukwa kane, mu gihe no mu mugambwe CNDD-FDD bahariye umunsi wa kane, umunsi wo gusenga no kwisonzesha.
MUGISHA Van Naris
Messages
23 mars 2018, 09:03, par jean marc burundi
ngo mugiye kwisonzesha no gusenga ahubwo nimwebwe ndyadya,ariko ibintu abategetsi bi burundi musigaye mukora biratangaje : ivyo mukora ngo muriyamiriza ivyegeranyo bikorwa ku burundi reka kuba muhenda abanyagihugu kandi nabo bazateba babavumbure,ko muri ababeshi : ariko reka ndababaze : isi yose ngo irabarenganya, onu,ububirigi,ue,urwanda reka ndekeraho ubwo mwumva ari nkurunziza et sa clique aribo bafise ukuri ? reka muzohinyuka.