IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahora arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru muri CCIB FM+ yakuwe mu (...)

Uwahora arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru muri CCIB FM+ yakuwe mu kazi

mardi 10 Gitugutu 2017

Mw’itangazo ishirahamwe ry’ubudandaji n’amahinguriro CFCIB ryasohoye kuwa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko Eddy Claude NININAHAZWE yirukanywe mu kazi kandi ata ndishi ahabwa.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe CFCIB rimenyesha ko bisunze ko Eddy Claude NININAHAZWE ariwe yari nk’umuyobozi akaba n’uwurongoye uruganda rw’insamirizi CCIB FM + yategerezwa kugenzura ibiri mw’ijambo ry’intangamarara ryaciye kuri iyo nsamirizi ku magenekerezo ya 18,19 na 23 Nyakanga 2017 imbere y’uko rica ku nsamirizi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa gatanu igenekerezo rya 6 Gitugutu 2017,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CFCIB Denis NSHIMIRIMANA yavuze ko ivyashikirijwe mw’ijambo ry’intangamarara bitubahirije amasezerano ari hagati y’urwego CNC n’intumbero y’insamirizi CCIB FM +, aca asaba imbabazi yemeye ko batigenjeje neza.

JPEG - 25 ko
Eddy Claude NININAHAZWE yahora arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru muri CCIB FM+

Iryo jambo ry’intangamarara ryaciye ku nsamirizi CCIB FM + ryavuga k’ubwicanyi bwabereye mu gisagara ca Kamanyola mu buseruko bwa Republika Iharanira intwaro rusangi ya Kongo bugahitana abarundi barenga 30.

Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017,icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi w’urwo rwego Aimee Divine NIYOKWIZIGIRWA yamenyesheje ko insamirizi CCIB FM + ihagaritswe mu kiringo c’amezi atatu kubera ivyo yashikirije mw’ijambo ry’intangamarara.

Amakuru yo kwizera amenyesha ko Eddy Claude NINIHAZWE yakuwe mu kazi mu gihe kuwa gatanu igenekerezo rya 6 Gitugutu yari yanditse ikate rimenyesha ko atanze imihoho mu bikorwa ku nsamirizi CCIB FM +.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.