Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNAC Murima w’isangi isaba ARFIC gukurikirana igiciro c’ikawa
CNAC Murima w’isangi isaba ARFIC gukurikirana igiciro c’ikawa
vendredi 20 Nzero 2017
Umukuru w ‘urunani rw’abarimyi b’ikawa mu Burundi CNAC-Murima w’Isangi Joseph NTIRABAMPA asaba ikigo kijejwe kugenzura igiterwa c’ikawa ARFIC gukurikirana neza igiciro c’ikawa.
Joseph NTIRABAMPA amenyesha ko hari abaguzi b’ikawa idatonoye hamwe n’ayandi mashirahamwe y’abigenga yafashe ingingo yo kwongera amafaranga kubera umwimbu waabaye mwiza mu kiringo ca 2016-2017,agasba n’abandi gukora ukwo.
Umukuru wa CNAC-Murima w’isangi avuga kandi ko hibonekeje n’urudandazwa rwa magendu mu gisata c’ikawa,na cane cane ijanwa mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.
Joseph NTIRABAMPA amenyesha ko mu gihe igiciro c’ikawa cari amajana ane ku kiro,habaye iduzwa ry’igiciro kandi abarimyi b’ikawa bari bamaze gushora ikawa yabo kw’isoko.
Umukuru wa CNAC Murima w’Isangi saba abajejwe igisata c’ikawa gukurikiranira hagufi ibiciro vy’ikawa kugira umurimyi ntabe ariwe ahomba kandi ariwe ayikorera.
IGIHE
Messages
23 Nzero 2017, 19:28, par DAVI
TURIME,DUSASIRE MWIVYIBUHIRE
2 Ntwarante 2017, 13:47, par coniki fracois
ivyo nukuri ikawa zirashorwa cane nabazigura mukinyegero kuri magendu nubundi akamitende n’uko kuzijana murwanda bitakiborohera
bita