IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNIDH: Agateka ka zina muntu karateye imbere mu gice ca mbere c’umwaka wa (...)

CNIDH: Agateka ka zina muntu karateye imbere mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017

jeudi 6 Mukakaro 2017

Umukuru w’umurwi CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko ibitigiri vy’abantu bishwe mu mwaka wa 2016 vyagabanutse ,kuko mu mwaka wa 2016 abantu 340 aribo bishwe,mu gihe mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017 abantu 69 aribo bishwe.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko mu mwaka wa 2016,habaye ukutumvikana no kutabona ibintu kumwe hagati ya Reta,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ibinyamakuru.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA aragaruka kandi ku ngorane zituma umurwi arongoye udakora nk’uko wategerezwa ;muri ivyo harimwo kubura uburyo bukenewe hamwe no kudatahura igikorwa c’umurwi CNIDH ku ruhande rw’abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bari mu mahanga.

Ivyo Jean Baptiste BARIBONEKEZA yabishikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017,igihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka wa 2016, n’igice ca mbere c’umwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Wewe Baptiste Baribonekeza izina niryomuntu kabisa, burya harivyo muvuga mukibaza kwabanyagihugu turibijuju tutabona ibiriko birakorwa!, bamuvugisha ukuri nimba mutashinze ayo mashiramwe mwironderera inyungu zanyu gusa!.
    Ivyo bitigiri uharura vyabafuye nivyiwawe, iconokubwira nuko muburundi, atariwewe ujejwe ivyogukurikirana ivyagateka kamuntu urumwe, never nayubwoburyo nimububure birakwiye kububura.
    Mbe kuvuga abishwe abafashwe bagahohotererwa ubuzima bwabo bahorwa ubusa kutabavuze ukobangana?,
    ico nicocambere cerekana ivyuvuga kwatakuri kurimwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.