IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu ibihumbi 4628 bo mu ntara ya Muramvya na Ruyigi nibo bituye umurwi (...)

Abantu ibihumbi 4628 bo mu ntara ya Muramvya na Ruyigi nibo bituye umurwi CVR

vendredi 17 novembre 2017

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 17 munyonyo 2017,Umukuru w’umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi ,Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ko mu gikorwa umazemwo iminsi mu ntara ya Muramvya wabonye ibinogo rusangi 4 mu binogo rusangi 697 vyavuzwe.

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA avuga ko ivyo binogo rusangi biri mu ma komine ya Rutegama muri zone Mushikamo na Bugarama hamwe n’ivyo muri komine Muramvya ,uwo murwi uvuga ko ibinogo rusangi vyo muri zone ya Mushikamo amagufa akiboneka iyo umuntu afukuye gatoyi.

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yashikirije kandi ko aho mu ntara ya Muramvya abantu bazimiye hamwe n’abagandaguwe bashika ibihumbi 17434, abantu 1881 bavuzwe ko bakekwako icaha co kwica ,abantu 2378 nabo bemeje ko bakorewe amabi.

JPEG - 140.3 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR

Uwo arongoye CVR ashikiriza kandi ko abantu 880 bagizwe n’abarundi hamwe n’abanyamahanga bavuzwe ko bitanze mu gukingira ubuzima bw’abantu mu gihe c’amagume aho mu ntara ya Muramvya,abashika 472 nabo bakorewe amabi biyemereye ko batanze ikigongwe hamwe n’abakekwa ko bakoze ivyaha .

Mgr Jean Louis NAHIMANA yavuze kandi ko mur’ico kiringo nyene abantu bituye umurwi CVR mU ntara ya Ruyigi bashika ibihumbi 2 323.

Umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanishwa abarundi umaze gukorera mu ntara zitandatu z’igihugu arizo igisagara ca Bujumbura ,Ngozi,Karusi,Mwaro,Muramvya,Ruyigi aho abantu bababa ibihumbi 15 akaba aribo baharurwa ko bamaze kuwitura .

Mwomenya ko kuva mu ndwi itangura uyo murwi uzotangura kwakira abazowitura bo mu ntara za Rumonge,Bururi na Makamba gushika igenekerezo rya 10 kigarama 2017 ,bikavugwako mu mpera z’uyu mwaka uyo murwi uzoba umaze gushitsa ibice 50 kw’ijana vy’ibikorwa vyawo ariko ukazoba usigaje imyaka 2 ngo urangize ikiringo wahawe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.