Accueil > Amakuru > u Burundi > Col Gaspard BARATUZA avuga ko ibitigiri vyubahirijwe mu kwinjiza mu (...)
Col Gaspard BARATUZA avuga ko ibitigiri vyubahirijwe mu kwinjiza mu gisirikare
vendredi 10 Ruhuhuma 2017
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Col Gaspard BARATUZA amenyesha ko mu kwinjiza abasirikare bashasha muri urwo rwego bisunze ivyavuye mu nama nkuru y’umutekano yakoranye mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2016.
Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amenyesha ko mu binjiye mu rwego rw’igisirikare bagize n’ibice 60 kw’ijana vy’abahutu hamwe n’ibice 40 kw’ijana vy’abatutsi nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro.
Colonel Gaspard BARATUZA avuga ko mu gisirikare binjije abasirikare b ku nzeg zose kuva ku ntwazangabo hinjiye abasore n’inkumi 109, ibisngerezi hinjiye 366 hamwe n’abandi 1000 binjiye mu rweg rw’abasirikare bato bato.
Uwo avugira ubushikiranganji bw kwivuna abansi amenyesha ko ibitigiri vy’abinjiye mu gisirikare vyavuye kandi muri rusansuma rwabaye rukozwe n’inama nkenguzamateka ku bijanye n’ukunganisha ubwoko mu rweg rw’igisirikare.
IGIHE
Messages
10 Ruhuhuma 2017, 11:29, par KING STAR
NIVYO KOMEZA MWINJIZE KUKO UMWANSI ARI KW IREMBO.BAZOGUME BAMARAMARA NIBABONA UBURUNDI BUGUMA BUSONGA MBELE.
10 Ruhuhuma 2017, 15:14, par SINDAYIGAYA KIRUNDO
NIMUKOMEZE MWIJIZE NABANDI KANDI NATWE TURASHAKA KWIJIRA?
10 Ruhuhuma 2017, 16:18, par .
Kwigizayo ubwoko ubwaribwobwose ngaha Burundi ntibizosubira kubaho.
10 Ruhuhuma 2017, 21:13, par Jeane
11 Ruhuhuma 2017, 06:06, par Rambo
Egocinjire Nivyo Burundi Kukabipfuzakowotembagaranibenshi!!!!!
11 Ruhuhuma 2017, 09:01, par Jeane
Nibinzizigisoda Nivyiza Mugabovyiza Abahutu 85% Abatutsi 14% Abatwa 1% Nihoboba Bubahirije Amoko
11 Ruhuhuma 2017, 09:23, par jean
Amoko niyo mushira imbere niyo mpamvu uburundi bwama mu kibazo c’amoko.no mu Rwanda Niko genocide yatanguye
15 Ruhuhuma 2017, 22:32, par Adelin
Kuberiki Mwinjiza Bakebake? Bamwinjiza Beshi Kugira Dushikigwe Twakoze Ikibazo Turi 300arenga Kumbe Mukeneye 61gusa Nkajewe Bamfungiyeko Raba Mushiremwo? Uwanyuma Mubamenye Afise Amanota 44 Nanje Mfise Amanota43 Nimurabe Mushiremwo Ndabikeneye Cane MURAKOZE,
15 Ruhuhuma 2017, 22:40, par Adelin
Twakoze Ikibazo Turi 300 Arenga Mukeneyemwo 61 Abonibake.Uwanyuma Mubamenye Afisamanota44nanjemfise43Gerageza Mushiremwo?
24 Ruhuhuma 2017, 19:47, par ntirenganya
nivyizaca ne nubwonasiga ndabifurize kugiruburambekuzi
2 Mukakaro 2017, 09:45, par Barankeba J Bosco
nashaka Kubaza Igihe Bazosubira Kwangaja Igisirikare
2 Mukakaro 2017, 10:00, par Barankeba J Bosco
zamuraraba Neza Kuko Twebwe Abantu Batobato Twarakoze Ikibazo c’igisirikare Ariko Abatakoze Nibo Batoye Ikibazo Kuber’amafaranga