IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Col. Gaspard BARATUZA yahora avugira igisikare yagenywe kurongora ishure (...)

Col. Gaspard BARATUZA yahora avugira igisikare yagenywe kurongora ishure kaminuza ry’intwaramiheto

jeudi 22 mars 2018

Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/031 ryo kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018, uwahora ari uwahora ari umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Col. Gaspard BARATUZA, yagenywe kurongora ishure kaminuza ry’intwazangabo mu Burundi ESCAM.

Muri iryo tegeko,umukuru w’igihugu yagenye kandi, Col. Richard BANYANKIBONA gutwara umurwi wa 1 w’abasirikare barwanira hasi, Ildephonse KABURUNDI, yagenywe gutwara umurwi wa 2 w’abasirikare barwanira hasi, Col. Elie NDIZIGIYE, yagenywe gutwara umurwi wa 3 w’abasirikare barwanira hasi, Co. Leonidas NIYUNGEKO, yagenywe gutwara umurwi wa 4 w’abasirikare barwanira hasi.

Abandi bagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, ni Col. Cassien NTACEBERA, yagenywe kuba umuyobozi w’ishure rikuru ryigisha abarongora abandi mu gisirikare, Col. Gerard NININAHAZWE, yagenywe kuba umugenduzi mukuru, mu bugenduzi bukuru bw’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, Col. Jules NDIHOKUBWAYO, yagenywe kurongora ibijanye n’imibano,n’uburyo muri rwego rwa gisirikare.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.