IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dar es Salaam : Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarungitse (...)

Dar es Salaam : Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarungitse abamuserukira

jeudi 8 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama idasanzwe igira iya 17 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko itangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Nyakanga 2016, isozerwe kuri uwu wa gatanu. Ibihugu bitanu vyitavye iyo nama arivyo Tanzania, Kenya, Rwanda, Ouganda n’Uburundi biza kwigira hamwe ibibazo vya poritike biri mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’2015. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ntari muri iyo nama, ariko akaba yarungitse intumwa zimuserukira, zirongowe na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Iyo nama idasanzwe y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yitabwe n’umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo Salva Kiir, Uhuru Kenyatta wa Kenya, Paul Kagame w’Urwanda, Yoweli Kaguta Museveni wa Uganda, intumwa y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe na John Pombe Magufuli wa Tanzania ari nawe azokwakira abo bakuru b’ibihugu.

Abategetsi bo muri Reta y’Uburundi baserukiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ni Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, Aimée Laurentine KANYANA umushikiranganji w’ubutungane, hamwe na Leontine NZEYIMANA umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Muri iyo nama, mu bibazo bizokwigwa, harimwo ic’Uburundi, umuhuza mu bibazo vy’Abarundi, Benjamin William Mkapa akaba ahava ashikiriza icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano yagiranye n’imirwi itandukanye yegwa n’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Mutama NYAMITWE turakwizigiy genda ubakenyure izina niryo muntu wewe ndazi imitwe yawe turayemera kabisa urumugabo

  • MUTAMA NAGUMENGAHA INTAGOHEKA TURAMUBONA NAKOMEREKUMUHETO KANATSINDA INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • haa!! ivyuburundi biragoye? naho bakoranye ntavyo boshobora imana ibafasha

  • Nibatere Iteka Uburundi Apana Kuguma Binyegeza.

  • Uburundi Ni Bwikureyo Data!Apana Kunyegera.

  • abobantu nibaturk tuzovyimarira. nakar babironderamwo inyungu zabo bwit non nkaho ntiwunvako tzt ica ihungukira mwiyi misi ibiri bazomarayo nibarek ayo manyanga yabo

  • Nimugende Imanibarind muvugivyugushigikirubundi.

  • famille nyamitwe niyo ihagarariye uburundi

  • mukapa niba yumva amarira yaba nyagihugu twizere ko bashikirige ikibazo gihanze uburundi

  • Ndabira abaduserukiye vraiment??hafi babicaza ni muri pour tour,ababose bagiyeyo ntanumwe yokora no muntoke za Museveni canke Kagame

  • EWEWAWA,SATANI NKURUNZIZA ASIGAYE AMEZE NKINKWARE!!!ARABONISONI GUSERUKA IMBERE YABAKURU BIBIHUGU BEMEWE NAMATEGEKO,KANDI ARATINYA KO BANYAMITWE BOMUGARAGAZA KUBUTEGETSI.NICOGITUMA ACABARUNGIKA NGO BAMUSERUKIRE.INKOKO YIKETSE KWIZOKWICWA NAKOHEJURU,ICAYICWA NAKAYIVUYE MUMAGURU.

  • Musaga wewe urumusazi none gukora muntoki zabo bivuze iki? Barya sabantu nkawe? Abarundi ntimwiyemera

  • @fnl sindi umusazi none twiyemerane iki, choléra?isuku nke?ubukene?kwicana?kugira Président udacaruka?muga raba u Rwanda aho rugeze?diplomatie, developpement vyiwabo vyaradusize nka 100ans devant nous

  • Inama ikurikira niyabera hano i burundi Nkurunziza azorungika abamuhagararira naho?

  • Non Ko Twumva Nkatwebw,abarundi Ibintu Bivugwa Mugihugu Bitaduhumuriza Mwotubwirijambo Non Ko Twumva Nkatwebw,abarundi Ibintu Bivugwa Mugihugu Bitaduhumuriza Mwotubwirijambo Riduhumuriza?

  • @ Musaga, kowewe ndagusumvya ubutunzi kureniyo none ntuguma witwa umuntu nkanje?

  • Hhhhhhhhhh nari nabivuze nti Peter niyitabira iyi nama ingurube izarebe hejuru akomeje kwifungirana iwe hhhhh

  • @K!erega ikibazo si uwutunze canke uwukenye,ntamu Président yoba akunda abanyagihugu biwe ngo ntaje inama n’ingingo n’abandi ba Présidents,akirirwa yifungiranye,akabuza ko ibicuruzwa vyambuka none wumva twobura gusubira inyuma gute?

  • Mutama Nkurunziza areba kure batavaho bugira nka Habyarimana.Imana ikomeze kumurinda imigambi yababisha.

  • umukecuru yariko asoroma imboga imfpizi imucako igiye kwuhirwa ayiruka inyuma ta ntore!!tantore!!esimboga ziwe yataye ng’aronke urunyam akaburavyose niyirambire

  • Ndabaramuts Bami Ba Africa Yu Buseruk Nn Mwameny Icatumy Umukuru Wi Gihugu Petelo Nkurunziz Atajayo?? Ni Ngorane Pe !!pe!!

  • nonenikuberiki petero NKURUNZIZA atariweyishikiye idal es laam?yatinyiki?cankeyiketse iki?ko abandibagenzibe aribobigiriye. maweee!!!numunyabwege.

  • bahejeje gutora umuti wikibazo c,uburundi impunzi zitahe mbega nkurunziza yarekuye .Ladjab tubwire kovyatunganye dutahe

  • @Eric!erega Nkurunziza yaguye mumohe yabazungu bamubesha ngo ntave kubutegetsi kandi atavyishoboreye,raba umu Président utagira ijambo mugihugu ciwe no muri EAC

  • (URUGO)=(IGIHUGU)www. URUGO GWUBAKWA NUMUGORE NUMUGABO NABANA BICIYE MUMWUMVIKANO. UMUHANUZI ASHIMA URUGO GWUBATSWENEZA ATERERA IMPANUROYUBAKA . NTATERERA IYISAMBURA UMUGABO NYAMUGABO ASHIMIGWA IJAMBO RYUBAKA NTASHIMIGWA IJAMBO RISAMBURA MUMYAKAYAHERA HARIHO ABASHINGANTHE BATIRIGWA INZOGAGUSA NTIBAKONGERE... IYARUSHA MBEGA ARYAMASEZERANO YIYARUSHA KOYARAYO MUNTAMBARA HAKOBIRIGWABARAHARIRA NTIBOYAHINYANYURAMWO AMASEZERANO YAMAHORO NAMBABOSE BASHAKA AMAHORO KOKO?.

  • Yakoz Kwatagiyey Umukuru Wigihugu Cacu

  • Nuko Mutama Wacu Ntukivune Kandi Ufise Abo Utuma Ivyo Bakoreye Havyarimana Twaravyunvise

  • j numv byumvikn birasanzw

  • Jewe namye mvuga nta Nkurunziza petero yoseruka mubaperezinda nkabo, burya nawe nyene aribona isoni nukuri. kuko ivyo yakoze arabizi kwatarivyiza,komumyaka iheze kwatigera asiba inama yabakuru bibihugu? arazi kwariho yi twa umukuru wigihugu wumukukuruke yahejeje imanda yiwe. ivyo ntawe vyotangaza habanamba,kandi ntaho azigera yongera kwitaba inama nkizo, ntavyoyokubahuka.

  • MWANYAKWUBAHWA MUBONA,ZODUFASH IKI MUKURI NITWERE TUGUMEDUPFANYENENTAKUNDI

  • emwe ntimushire inbe imajanba yanyu mugushikiriza ivyiyunviro erega tugiye turatwoza twebwe ntahabizotugeza oya ivyiyunviro vyacu tuvyeke Imana guko ndazi nezaka imana yo ibona ukuri murakoze

  • @ mukike

    iyo development uvuga mu Rwanda uzabaze ba nyeneyo umbarire? urazi amasosiyete yose ahabwa amasoko mu Rwanda uzabaze nyenyeyo uwo ariwe? NPD COTRACO yubaka amabarabara, CRISTAL ifise za MTN nibindi vyitumatumanako, REAL CONSTRUCTION yubaka amazu n ama etages ya Kigali n amabarabara y ivu, HORIZON yubaka amabarabara y ikaburimbi, INYANGE idandaza aka jus, RULIBA CLAYS ikora amadafari, RWAMAGANA STEEL ikora inyuma n amabati, SERENA HOTEL, BLUE RADISON HOTEL, RWANDA AIR, KIGALI CONVENTION, INTERSEC,, y aba security, ONATRACOM, KIGALI BUS SERVICES, ROYAL BUS, RTFC, zitwara ingenzi, KTC, CITY TOWER, DOWN TOWN FLOOR, nibindi vyinshi ntavuze ngaha bironka amasoko yose ndetse n ubudandaji mu Rwanda nibya FPR, hama ushireko RWANDA REVENUE 56/100 yumusiro wose wicintu udandaje canke ukoreye mu Rwanda irayatwara, RSSB , MITUEL kuri buried munyagihugu wikorera utwe n utagira ICO akora ya 3000frw , ugashirako ayumutekano n ayisuku 4000 Ku kwezi, Restaurant 15000frw , ugashirako ago kubaka amashule 5000/ trim, ugashirako ipatante ya 40000/an, ikori ryumutumba 10000/ mois, ugashirako minerval mu mashule yaleta yitwako azimbutse 180000frw/trim, ayabana babarongozi 800000frw/ trim aho ni primaire na secondaire, nibindi nibindi vyinshi yose aja Muri FPR hama na contribution zayo kuri buried munyagihugu n umudandaji par mois au moin 2000000frw, Noneho ice umbarira ibarabara rishasha canke stade canke HOPITAL, canke Airport, rvyubatswe atari ugusanura ivyahahora navyo Ku nguzanyo z amakungu, ice umbarira ago ago mahera yose aja n ICO bimariye abanyagihugu, Hama uje mu Rwanda urabe in gene abanyagihugu, inzara ubushomeri, ubukene, no kubura abaguzi n amahera bibageze, nuwo uraba ayafise ari amadeni ya BANk aba agira amusaze yabuze in gene ayishura, hama umbarire niba hariho umurundi Uzi yari yabura ivyo gufungura 2jour successive ngaho my Rwanda, Urabaza Abarundi bahahungiye in gene babayeho nabi ningene babugariye kudataha. Iciza rero raba ibyiwacu I Burundi ivyo my Rwanda ntubiduhendeko ubiharire ba nyenevyo kandi iterambere n irituma umunyagihugu aronka ivyo gufungura no kwiga no kwivuza bimworoheye naho kuba hamubereye so amabarabara n aka stages nkajya ya BUNYONI na KIGALI umunyagihugu arabisha Amado atazayabamo. merci

  • @Muganwa!ibyo uvuze ndibaza nimba izo companies zidakorera mu Rwanda kandi abakozi ni Abanyarwanda,ibyo urimo uvuga ni Amatiku,we develop our country, Rwanda songa mbele

  • Perezida nkurunziza ko yihisha azova mubunyegero ryari ? Hahaaaaa

  • @ Muganwa

    Ntasoni ugira iyo ufashe imibare idafite tangible reference ukajugunya aha wumva hari umuntu wageze mw’ishuli wabyemera. Niba utazi development stages igihugu gicamo kugirango kigere aho u Rwanda rugere aho ruri uyu munsi uzabaze abageze mw’ishuli turahari. Nibikunanira uzajye wifashisha economic data zitangwa na World Bank, IMF, usome reports za World Economic Forum zisohoka buri mwaka.
    Ibyo usakuza ngo inzara mu Rwanda, barakubeshye uzatubwire uturere (Districts) PAM /WFP cyangwa indi ONG batanga mo imfashanyo dore ko wigize bamenya. My country provide paid public works, direct financial support ku bihumbi n’ibumbi bigizwe ni miryango yabantu bacu muri 30 districts from our tax contribution (imisoro y’abanyarwanda) hanwe n’ingengo yimari yacu ( financed at 62% from our internal revenues) avuye mu misoro indani mu gihugu cyacu. Niyo mpamvu ziriya companies zose wavuze zubatse biriya ubona ( n’ibindi uzabona vuba) zibyuka mu Rwanda apana i Burundi. Uzabaze ahandi leta zikora neza zishyiraho ibikorwaremezo ( roads, real estates, internet, energy supply. communication facilities and security kugirango abashoramari baze. Niko developed countries zakoze, niko u Rwanda rukora. Icyo wavuze kiricyo nuko FPR ikize, nibyo irakize kuko ntabwo wayobora igihugu ukenye uzabaze. Get educated before you post anything.

  • Nibitangure Nyene Kandi Ntibikumire Nkuko Bamwe Bavyipfuza.Kuko Ivyo Leta Yibeshe Ngo Iriko Iragirisha Hagati Mugihugu N’ibikino No Kumara Amahera Y’igihugu Gusa Ntakindi.

  • @Nzovu jya usobanurira izo njiji , ubundi se ibikorwa ko byivugira jya ubabwira ko ntahandi leta itanga inka zubuntu aho kwivuza byoroshye. Aho igihugu cyose kirimo umutekano.... None ngo fpr irakize niba ikize se igatanga akazi ikibazo kirihe? Nzovu jya ureka izo njiji igihugu ujyamo ugasanga nta cyahindutse

  • Ariko abantu babura guteza imbere igihugu cye I bakwirirwa mu matiku u Rwanda rumaze kubasiga

  • Iyonama ninziza ndayishimye

  • @ Proud
    Reka tubahe inka sha, banywe amata. Naho bariya bavandimwe bo hakurya ya akanyaru isi izabasiga, wari wabona igihugu cyishyiriraho economic sanctions kigahagatika cross border trade aho umuturage wa Cibitoke yagurishaga igitoke mu Bugarama at double price ugashyiraho ko nifaranga akuye mu Rwanda ari four times. Leta yabo ngo ntibazongere kwambutsa ibyo bahinga. Iyi ni Lata iri 50 years behind to the current world.

  • @nzovu hhhhhhhhh babwire babwire ngo bazatumesa ra hhhhhhhhhhhh babanze bamese amagambo atarangwa nikinyabupfura bagira, bamese umwanda uranga bujumbura, bamese inzoga birirwa banywa mu masaha yakazi, bamese amacakubiri ya moko abaranga. U Rwanda rumaze kubasiga kure.

  • @Proud to be rwandan

    Wewe nibaza ko abagutwara bagushizeko urugoto.

    Soma ibi bikurikira, mu nyuma uratubwira ingene mugeze kure!
    Hari abavuga ngo amenyo araguseka ari ayawe!
    http://www.arib.info/index.php?option=com_content

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.