IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Désiré UWAMAHORO yasubijwe mu giporisi

Désiré UWAMAHORO yasubijwe mu giporisi

mardi 23 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’umutekano Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI, ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2017, ingingo yahagarika OPC2 Désiré UWAMAHORO yakuweho.

Iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yari yahagaritswe yagirizwa gushaka kwiba amafaranga umurwizatunga ava mu gihugu ca Siriya, mu nyuma ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bubanza.

JPEG - 47.9 ko
OPC2 Désiré UWAMAHORO yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko

OPC2 Désiré UWAMAHORO bamuciriye gupfungwa amezi atatu n’ihadabu ry’amafaranga umuriyoni umwe w’amarundi, ariko ubutungane busanga yaramaze gupfungwa ayo mezi.

Mu gihe nyene yari agipfunzwe, haciye hasohoka itegeko rimukura ku burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko.


MUGISHA Van

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.