IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Didier Reynders: Kurekura abapfunzwe n’intambwe mu buyobozi bwiza

Didier Reynders: Kurekura abapfunzwe n’intambwe mu buyobozi bwiza

jeudi 26 Nzero 2017

Umushikiranganji w’imigenderanire y’igihugu c’Ububirigi n’ibindi bihugu Didier Reynders,amenyesha ko ikigongwe c’umukuru w’igihugu ku bapfunzwe ari intambwe yerekana ko abarongozi b’Uburundi biyuguruye.

Mw’itangazo yashize ahabona kuwa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero umwaka wa 2017, Didier Reynders amenyesha ko irekurwa ry’abapfungwa ari intambwe mu buyobozi bwiza.

Didier Reynders yibutsako irekurwa mu mutekano ry’abapfungiwe ivya politike ari kimwe mu vyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,mu ntumbero yo gukomeza ibiganiro.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ibindi bihugu amenyesha ko igihugu c’Uburirigi citeguye gushigikira ibiganiro bihuza abarundi bose,mu ntumbero yo gutrera inyishu ibibazo biri mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.