IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC : Umugambi w’ugutwarira imiduga i bubamfu ntuhurizwako na (...)

EAC : Umugambi w’ugutwarira imiduga i bubamfu ntuhurizwako na bose

mardi 29 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibihugu bitandatu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) vyananiwe kwumvikana ku cipfuzo co guhuza ibijanye n’ikoreshwa ry’amabarabara, cane cane uruhande rwo gutwariramwo imiduga.

Muri iryo shirahamwe, ibijanye no gutwara imiduga ntibivugwa kumwe, kuko Uburundi n’Urwanda arivyo bihugu vyo muri iryo shirahamwe bitwarira imiduga ku ruhande rw’i buryo, mu gihe ibindi bihugu nka Tanzania, Uganda, Kenya na Sudani y’Epfo bitwarira ku ruhande rw’i bubamfu.

Ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda vyasabwe navyo ko vyohindura ruhande rwo gutwariramwo imiduga, ariko ivyo bihugu bikaba vyariyamirije ico cipfuzo casabwe n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

Ibihugu vya Tanzania, Kenya na Uganda bitwarira imiduga i bubamfu, nk’uko ivyo bihugu vyabisigiwe n’Abongereza babikoronije. Aho ni mu gihe Uburundi n’Urwanda ari ibihugu bibandanya gutwarira imiduga i buryo.

Abatwara imiduga mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bavuga ko nk’iyo bavuye mu Burundi canke mu Rwanda, bakaja muri Tanzania bisanga bariko batwarira imodoka mu kuboko kutarikwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.